IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ngagara : Abasuma bitwaje ibirwanisho baragisibije

Ngagara : Abasuma bitwaje ibirwanisho baragisibije

vendredi 13 Kigarama 2013

Abanyagihugu bo muri komine ya Ngagara bavuga ko barembejwe n’imirwi y’abasuma, binjira mu mazu y’abantu mw’ijoro. Iyo mirwi y’abo basuma ikaba ikarira abatashe bavuye ku buzi canke abavuye mu manza, batashe bugorovye, bagaheza bakamburwa ivyo bafise vyose.

Abanyagihugu bo mu duce dutandukanye tw’iyo komine iri mu gisagara ca Bujumbura, bavuga ko kuva igihe c’isaha icumi na zibiri z’umugoroba gushika igihe c’isaha 3 z’ijoro, imirwi y’abasuma iba itanguye kwiyerereza, mu gihe bamwe muri abo, usanga ndetse bafise n’inkoho, ndetse akaba ari nazo bafatirako abanyagihugu kugira babahe ivyo bafise vyose. Umwe mu banyagihugu baho muri komine ya Ngagara, akaba avuga ko yafatiweko inkoho ari kumwe n’umutambukanyi wiwe, mu gihe bari baherekeje abashitsi bavuye kubaramutsa. Amenyesha ko kuri uyo mugoroba, atakintu na kimwe bashoboye gusigarana.

Ivy’abo basuma bitwaza ibirwanisho bugorovye, bagaheza bakiba urukombamazi abanyagihugu. Faustin Nyambere umukuru wa quartier ya kabiri muri komine ya Ngagara, avuga ko abo basuma binyegeza ahantu hatabona mu gihe c’ijoro, bagaheza bakiba ibintu vy’agaciro na cane cane ibintu vy’imigufu yo mu butare butandukanye, impeta, amaterefone, amafaranga, n’ibindi. Abo basuma rero bakaba boba bazanana mu makomine ya Buterere, Kamenge, Cibitoke, bagaheza bagaca bakorana n’abandi basuma baho mu Ngagara, bagaheza bakagira umurwi munini w’abasuma.

Abanyagihugu bafashanije n’inzego zijejwe umutekano, bariko barakora ibishoboka vyose kugira bashobore gutuza uyo murwi w’abo basuma bagisibije aho mu Ngagara.
Faustin Nyambere arongoye quartier ya kabiri, akaba yizeye ko bazobishikako.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.