IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > OLPA isaba ko irengero ry’umumenyeshamakuru wa RPA Egide Mwemero (...)

OLPA isaba ko irengero ry’umumenyeshamakuru wa RPA Egide Mwemero rimenyekana

samedi 26 Kigarama 2015

Ishirahamwe rijejwe ubwigenge bwo kumenyesha amakuru muri Afrika (Olpa) ishami rikorera muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo risaba ko hokwerekanwa irengero ry’umumenyeshamakuru wa Radiyo RPA Egide Mwemero.

Egide Mwemero, yahoze ari umuhinga w’ivyuma kuri Radiyo RP, amakuru dukesha ikinyamakuru igihe.com,iradiyo Okapi ikorera mu buseruka bwa Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo yavuze ko ubutegetsi bwa Reta y’Uburundi bumwagiriza kuba yarahaye ijambo abashatse gutembagaza ubutegetsi bakamenyesha kandi amakuru yabo abanyagihugu.

Inyuma yaho iradiyo RPA ituririwe,Egide Mwemero yaciye aja gukorera kw’Iradiyo ‘le Messager du Peuple’ ikorera mu gisagara ca Uvira muri Kongo mu kiganiro citwa “Humura Burundi”, mu nyuma yafashwe n’abasirikare baho bamujana ahantu hatazwi kw’igenekerezo rya 13 Gitugu 2015,gushika ubu nta wuzi irengero ryiwe.

Umunyamabanga Nshingwabikorwa wa Olpa, Alain Kabongo yasavye Reta ya Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo kwerekana aho umumenyeshamakuru Egide Mwemero apfungiwe.

Ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu bumenyesha ko butazi ibijanye n’ipfungwa rya Egide Mwemero ,mu gihe Alain Kabongo yamenyesheje ko ubuserukizi bw’Uburundi muri Kongo bwakiriye amakuru menshi avuga ko Mwemero apfunzwe.

Umukozi wo mu buserukizi bw’Uburundi muri Kongo yavuze ko ko Egide Mwemero yapfunzwe azira guhonyanga amategeko agenga akazi muri Kongo, kuko yakoze kuri Radiyo ‘Le messager’ adafise uruhusha rwemerera abanyamahanga gukorera mu kindi gihugu.

Umunyamabanga wa Olpa yavuze ko uwo mumenyeshamakuru bamuhora kuba yarakoze kuri Radiyo RPA (Radio Publique Africaine) i Bujumbura. Akaba yagirizwa kuba mu mugambi wo gufashanya n’abagomvye guhungabanya umutekano mu Burundi.

Egide Mwemero yafashwe ari kumwe n’abamenyeshamakuru babiri bava mu gihugu ca Kongo,afatwa n’imodoka y’abasirikare ba Kongo.

Jean-Julien Miruho, umushikiranganji ajejwe umutekano mu Ntara ya Kivu yo mu bumanuko yamenyesheje ko Mwemero yimuwe kugira ngo avanwe hafi y’umupaka w’igihugu ciwe, ariko ntiyamenyesheje aho apfungiwe.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.