IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > ONU isaba abegwa n’ikibazo c’Uburundi gusubira mu biganiro

ONU isaba abegwa n’ikibazo c’Uburundi gusubira mu biganiro

lundi 27 Mukakaro 2015, par Paterne

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki-Moon ahamagarira impande zose ziri mu kibazo c’Uburundi kuguma batekanye.

Muri iryo tangazo ry’umunyabanga mukuru wa ONU Ban Ki-Moon abicishije ku muvugizi wiwe,ahamagarira impande zose gusubira mu biganiro vya politike,vyitabwe na bose mu ntumbero yo gutorera inyishu ikibazo c’Uburundi.

Ban Ki-Moon yibutsa abategetsi b’Uburundi ko bafise igikorwa co gukingira abanyagihugu,kandi bakaraba ko amabi yogarara,abakoze ivyaha navyo vyo gusinzikaza agateka ka zina muntu bagakurikiranwa n’ubutungane.

Abicishije ku muvugizi wiwe Ban Ki-Moon amenyesha ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryiteguye gukorana n’ishirahamwe ry’Akarere ka Afrika y’Ubuseruko,n’ishirahamwe ry ‘Ubumwe bwa Afrika mu gufasha gutora inyishu irama y’ibibazo biri mu Burundi.

Umunyamabanga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU arashima irungikwa ry’abajejwe kugenzura ivy’agateka ka ziana muntu hamwe n’abahinga mu vya gisirikare ryakozwe n’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika,mu ntumbero yo gukinga ko amabi yokwongerekana mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • REKA TURINDIRE INZEGO ZATOWE ZIMARE IKIRINGO

  • Rondera bamwe baturira wa mwana w’umuhutu mw’i pine,abishe aba polisi,bakabohera imbonrakure mu ma kanivo.Bafate abaturaje ku musuhero umunsi wa putsh,abamenyeshamakuru bakokeje abahutu bagatikira mu ma manifestations,mushumbushe materiellement et moralement abahutu batuririwe ivyabo,ivyo vyose monsieur Bankimoon ntimuvyibagire.

  • Ibiganiro bizobandanya aruko reta ifise inzego zatowe.

  • FIDELITE NDAKUBAZE.UMUTUTSI APFUYE S’UMUNTU ABAPFUYE?HISHWE ABATARI IMBONERAKURE S’ABANTU BABA BISHWE?AYO MOKO NIYO MIGAMBWE VYAKUBOSHE NTAMPEMBO UZOBIKURAMWO URETSE KUHASIGA AGATWE.WOSAKA WOKIZWA KUKO IMANA NTINEZEREREGWA ABANTU NKAWE

  • IMANA IFASHE U BURUNDI HAMA WEWE FIDELITE NTAMOKO MUBURUNDI TURABANTU TWESE IVYAMOKO VYARATAYE IGIHE NAHO MUVYITWAZA HAZOGERA IGIHE ABANYAGIHUNGU BABAHINYURA NAWE URABAZIKO MUTOBAZINDA KUNTAMBARA fidelite?uragakizwa

  • Ban_Kimun,komera,nibafatwe abo bose bakubaguye abana babahora ngo bari muri manifestations.

  • Mbe ndakuze Fidelite, wewe ubona abatutsi ari vyiza ko babaho? Uwoguha kurema ngira ntiwobarema? Iyo uvuka usanga urumututsi wumva gute?

  • Mwese munsabira gukizwa ngwaye iki,ko mwanka uwuvuga amoko ni kuki?Je sinarinzi ko yaheze ?We nawe ngo nzohasiga agatwe ,uzopfa imbere yanje utazi ivyo uzira jeho nzoba nzi ko nzize ubuhutu bwanje,

  • fidélite ntabwoko bubi buriho mbega ari umu mama canke nturaronka ?Turizigiye ko YEZU AGIYE KUGUKIZA VUBA AGATIMA KAMACAKUBIRI.

    *YEZU turagusavye utabare abarundi nu Burundi.

  • Nibubahirize amasezerano basinye arusha nta kindi hama abantu bariko baragarukana amacakubiri y amoko bafatwe bahanwe,nta muhutu nta mutusi twese turabarundi,igihugu turagisangiye nta nyagufa canke nyagukira,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.