IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > ONU yatanze imiriyoni 15 z’amadorare yo gufasha impunzi z’abarundi

ONU yatanze imiriyoni 15 z’amadorare yo gufasha impunzi z’abarundi

mardi 2 Ruheshi 2015

Icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU ajejwe kugarukira imbabare Stephen O’Brien yatanze imiriyoni 15 z’amadorare yo gufasha impunzi z’abarundi bahungiye mu gihugu c’Urwanda na Tanzaniya, mu mugambi w’Ikigega kijejwe gufasha mu bihe vy’ihutirwa.

Mw’itangazo ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryo kuwa mbere igenekerezo rya 1 Ruheshi,ishirahamwe mpuzamakungu ONU rimenyesha ko abarundi barenga ibihumbi 70 bagizwe ahanini n’abana bahunze igihugu c’Uburundi inyuma y’umutekano muke wibonekeje mu gisagara ca Bujumbura kuva mu mpera z’ukwezi kwa kane.

Muri iryo tangazo O’ Brien yamenyeshejeko ayo mafaranga azokoreshwa mu gufasha impunzi hamwe n’ibihugu vyabakiriye mu bijanye n’uburaro,gufungura,kwivuza hamwe n’ibindi vyo gukingira izo mpunzi vyihutirwa.Yipfuza ko ico gikorwa cofasha kwereka abandi babishoboye ko nabo bogira ico baterereye.

O’Brien yavuze ko amashirahamwe afasha ari mu gihugu ca Tanzaniya yamaze kugabisha ko ubuzima impunzi zibayemwo bugoye cane,kandi vyatumye haba ingora zifatiye ku magara y’abantu,mbere harimwo ikiza ca Cholera kimaze guhitana abantu bashika 30 harimwo impunzi n’abanyagihugu ba Tanzaniya nyene.

Iryo tangazo rimenyeshako mu gihugu c’Urwanda abafasha barajwe ishinga n’ibijanye n’infungurwa z’impunzi no gukingira abana,kuko abarenga 60 kw’ijana muri izo mpunzi ari abana.

Stephen O’Brien,icegera c’umunyamabanga mukuru wa ONU ajejwe gutabara imbabare yavuze ko ,imiriyoni 7,5 z’amadorare azotangwa mu bafasha mu gihugu ca Tanzaniya mu kwakira impunzi nshasha no kuzivana aho zishikira bazijana mw’ikambi y’impunzi y’i Nyarugusu,mu gihe ayababa imiriyoni 8 z’amadorare azofasha mu gihugu c’Urwanda,mu bijanye no gufasha vyihutirwa mu bibanza bibiri bishikiramwo impunzi hamwe no mw’ikambi y’impunzi iri i Mahama.

Mwomenya ko igihugu ca Republika iharanira Demokrasi ya Kongo naco kimaze kwakira impunzi z’abarundi kuva hatanguye imyiyerekano yiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza,mu gisagara ca Bujumbura.
. 

Messages

  • Imana ihezagire uwagize iciyumviro ubwambere!ariko kubwanje ntabwo bikwiye!ayo makungu nyene akwiye kwihutira kurondera inyishu yikibazo kirinyuma yizongorane benewacu babarundi barimwo!

  • Yemwe nimwibuke amaraso y’abarundi yasesetse,mbega ayo amaraso y’abarundi azobazwa nde?mbega,nimbakugira amatora agende neza arukwamasezerano yi arusha yo shirwa mungiro ,ntiyoshirwa mungiro atamaraso y’abarundi asubiye guseseka?mbega abanyagihugu bariko bahunga ntaco bibabwiye ?

  • ON Mwitanze cane Ntagomubona Umuntu Umwe Agiye Gutuma Abarundi Bahera Uwadapfiriye Mubuhungiro Bamuziza Kutemera Cndd Yabo Hako Hoza Haricwa Umuntu Azira Kutemera Umugabwe Urikubutegtsi Hotuma Haduka Intambara Ko Amerika Yivunye Sadamu ,kadaf Nkurunziza Yabananiye ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.