IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Pierre Nkurikiye:" Inkoho zirenga amajana atatu nizo zafashwe mu mezi (...)

Pierre Nkurikiye:" Inkoho zirenga amajana atatu nizo zafashwe mu mezi abiri"

mardi 1er Nyakanga 2015

Ubushikiranganji bw’umutekano mu Burundi bumenyesha ko inkoho zirenga 300 harimwo izikomeye n’ibindi bisasu bigizwe na Rokete n’amabombe, arivyo ubushikiranganji bw’umutekano bumaze kwaka abanyagihugu babitunze batabifitiye uruhusha mu mezi abiri aheze.

Ubushikiranganji bw’umutekano mu Burundi burishimira igikorwa bumaze gukora kuko hamaze gufatwa ibirwanisho vyinshi harimwo inkoho, amasasu, amagerenade, amabombe hamwe na rokete.

Icegera c’umuvugizi wigipolisi c’Uburundi, Pierre Nkurikiye, yavuze ko hari inkoho zakuwe mu gisagara ca Bujumbura n’ahandi mu gihugu ariko igikorwa co kuzegeranya kiracabandanya.

Igipolisi c’Uburundi kimenyesha ko inkoho 322 z’ubwoko butandukanye, ibisasu 108 binini, amasasu mato mato 6733, amasheni y’amasasu 29, n’ibindi bikoresho vy’igipolisi n’igisirikare bitandukanye bishika ku 201 bimaze kwegeranywa mu mezi abiri.

Umuvugizi w’igipolisi c’Uburundi avuga ko hasigaye hari ibitero bikorwa ku birindiro vy’abapolisi bikozwe n’abantu batemberana inkoho bambaye impuzu z’abapolisi, ivyo bigatuma yemeza ko intambwe yo gukura ibirwanisho mu banyagihugu babitunze batabifitiye uruhusha ikiri ndende kuko mu duce tumwe twabereyemwo imyiyerekano hacibonekeza ko hariyo ibirwanisho.

Mwomenya ko haheze iminsi hibonekeza abantu bapfa barashwe,abandi bagakomereka mu bice bitandukanye vy’igisagara ca Bujumbura.


Van Naris Mugisha

Messages

  • big up big up tunakusapoti kwa kazi nzuri mnayoyifanya hongera sana mm naitwa Keyisha Nadel alias Jamaica RAIA wa burundi nikifuatilia taarifa kutoka burundi kwenye mtandao ya kijamii nikiwa DAR ES SALAMA Tanzania warundi wenzangu nawapenda sanaa

  • Murabesha kugira mutumare nimiryago yacu ?!ariko Ubu namwe tugiye kubavira hasi abagore banyu nabana banyu tubakureho muzisigarane ntankuruziza kubona mwikura mukazi mwahawe nabarundi mukashima kukorera umuntu reka azobandugana ingozi kwanyina murime mwamihimbiri yabapolice abacu mwamaze

  • nabahora bazikoresha mubamese muzoba bukoze cane.

  • Turazi ko ari mwebwe muzitwara mukazisigayo kugira mubeshe ariko murabesha abantu bose barabizi, namakungu arabazi. Mbe ko mugasaka imbonerakure, harya zahavuye ziba aba police? ushsssssssss
    Uburundi burababaje kubona butagira ikibutwara kabisa

  • Nongeye kubakeza kandi nkongera kubashimira kwiryanambo ngo ikaziracarindende, ndabashigikiye hakunakurara kugerubu ikazi yogusaka ibirwanisho muyigire nkikazi yamisiyose bamwemubazitanze bariko baratanga amategeko yokujakuzibitsa mugihugu kimwekibanyi, ntakindikirikokirabituma nukuberababona mwariye akarungu mukubisaka.

  • Nimukomere kumuheto maze intagondwa zose zifite ibigwanisho muzicakire !! Nibyo nyakubahwa Nkurikiye

  • ibigwanisho vyo vyo biraboneka?abica bene burundi naboko bataboneka nikuberiki????sha nkurikiyd niwirabe cagwa ukeneye nawewe ubujenerari?

  • @ Nkwirikiye, mugiyekuzopfa muhagaze kubera kwigumya kandi amahera mutanga yokugura izonkoho canke ivyobirwanisho ngobimare benewanyu biriko birafatwa nabajejwe umutekano wigihugu cacu nu Burundi namwemwishingengo nabajejwumutekano babishiraho! Man ntibakina baramujanye mumisi abomusabamahera yokugura ivyobirwanisho nibababwirako ivyuma bikwiye ndibaza komutazubahuka kubabwirako vyafashwe nabajejwe umutekano wu Burundi mugihe bazobabaziko atavyobabatse kukohano mwandika mwemezako abapolisi buburundi ivyobafata aribobavyishiraraho! Mugiye gushiramuvyimvye nkumubindi.

  • Iminsi yizo ntagongwa irabaze. Izitazafatwa zizameswa imwe imwe
    Kugeza Musaga, Jabe,...habaye umutekano usesuye. Kubafunga sibyiza. Nibyiza kubakata amajosi bakabera abandi urugero

  • numwana wimyaka ibili arabona ko ili umukino leta ili gukina none ko baterekana aho bazifatiye nabali bazitunze. abaturage baragowe.

  • OYA REKA KWIYOROHEZA NTAVYO BOMARA VYARAMAZE GUKWIRA HOSE MUBINDE MUBURE

  • Ariko ntimubona ko muriko murya umuhero!! Ihane mugire iherezo ryiza, Kuko mwuzuye amaraso yabarundi bene wanyu, ndazi ko mudasinzira, Kuko nta Mahoro. Kandi nta Tiro kumunyavyaha. Ubona abitavye Imana harayo batwaye, kandi benshi bari bayafise, hagarika Nkwirikiye uracari muto ahubwo hunga ndagukebuye nkumuvukanyi Kuko turi abarundi twese gusa ivyiyumviro biratandukanye.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.