IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Robert Mugabe ku burongozi bw’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika

Robert Mugabe ku burongozi bw’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika

vendredi 30 Nzero 2015, par Egide N

Umukuru w’Igihugu ca Zimbabwe, Robert Mugabe w’imyaka 90 niwe yagenywe ngo arongore ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika.

Kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 30 Nzero 2015, mu bikogwa bigira ivya 24 bihuzu abakuru b’ibihugu bagize umuryango w’ibihugu vy’Afrika yabereye mu gihugu ca Ethiopie, bagenye Umukuru w’Igihugu ca Zimbambwe, Robert Mugabe kuburongozi bw’ishirahamwe ry’ubumwe bw’Afrika.

Robert Mugabe akaba asubiriye Ould Abdaelaziz akomoka mu gihugu ca Mauritanie. Ikirongo ciwe k’uburongozi bw’ishirahamwe ry’Ubumwe bw’Afrika akaba ari ic’umwaka umwe. Mugabe rero akaba arongoye igihugu ciwe ca Zimbabwe imyaka mirongo itatu n’itanu, kuva ico gihugu cikukiye, mu mwaka w’1980.


Alida SABITEKA

Messages

  • Afrika irakwiye abatware barambira kubutegetsi nka Nyakwubahwa Mugabe.Prezida gutwara imyaka 5 gusa s’inyungu z’igihugu n’abanyagihugu.Umukuru nuwotwara igihe kirekire,ariko agatangura ubutware akiri muto.

  • prezida nkurunziza niwe atwaye ikiringo nkicamugabe uburundi bwoba bwatunganye kurugero rubereye ariko ibibiringo bizotuma igihugu kiguma mubukene

  • Mbe basha Peter nokugira amagendera yize kwigihugu casubiye inyuma,amavoka yavuga ngo yateye ko yaheranye imivyaro yabanya Kayanza, amaraso yakoze ntawobisubiramwo kiretse ko bizomuhumira mwumva mwomugereranya na Mugabe naho nawenyene ari umunyamufuti!!!!Reka turindire kwavuga kwazitoza tumuvugutire umuti nkumwe wo muri Burkina Faso!!!!!Wamucanwa akunda kuvuga tuwuzimirize munziwe muri zone Gatsinda

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.