IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > RSF isaba ubutegetsi bwa Kongo kutarungika Egide Mwemero mu (...)

RSF isaba ubutegetsi bwa Kongo kutarungika Egide Mwemero mu Burundi

jeudi 31 Kigarama 2015

Ishirahamwe ry’abamenyeshaamakuru batagira imbibe Reporters sans Frontieres basaba Reta ya Republika iharanira intwaro Rusangi ya Kongo kutarungika mu Burundi umumenyeshamakuru Egide Mwemero ku mvo z’umutekano.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’umukuru w’ishirahamwe Reporters Sans Frontiere Christophe Deloire ,yasavye abategetsi ba Kongo kutarungika Egide Mwemero mu Burundi no kumurekura vyihuse kuko arungitswe mu gihugu c’Uburundi yobangamirwa cane.

Egide Mwemero yahoze akora nk’umuhinga w’ivyuma kuri Radio RPA yafashwe kw’igenekerezo rya 13 Gitugutu mu gisagara ca Uvira ku rubibe Uburundi buhana na Kongo. Kw’igenekerezo rya 5 Munyonyo yaviye ajanwa i Kinshasa mu ntumbero yo kumwigiza kure y’urubibe nkuko vyashikirijwe n’abategetsi bo hasi.

Agihagarikwa ,abategetsi abategetsi bo mu ntara ya Kivu y’ubumanuko bamenyesheje ko bamuhagaritse ku mvo z’umutekano,kuko bagiriza iradiyo Le Messager du Peuple yakoreramwo ikiganiro ku Burundi kugira uruhara rukomeye mw’ihungabanywa ry’umutekano mu Burundi.


IGIHE

Messages

  • Muranka uburundi mukarenza! Ndababwizukuri abantu bose bameze nyuyu avuze mwizina ryabanyamakuru batagira imbibe akubahuka akemanga ngo uyumunyamakuru Congo ngwimurungitse Burundi yogirirwanabi aho ntakinti ashatse kuvuga atarukuzika mukuzimu uburundi kurwego mpuzamakungu, kuko ntahataniye nuwagirije uburundi ngoburiko burategura jonucide, ntahataniye nuwabwiye abantu ngobatere kudeta umukuru wigihugu le 13/05/2015 vyabananira akabaha ikaze mugihugu ciwe ivyobintu nibwobwambere ndabibonye ahumuntu agiramakosha mugihugu ciwe aboneka akaca fashwa nabaribazwiko bazi amategeko akabariho bishira ahabona berekanako batayazi , mwebwemwese mwirukanka kuburundi mubwifuriza inabi mwitegure mugiye kubona ibara kandi muzoza kumenya komuzize kubamwarifashe nabi kuburundi mwahejeje kubona ishano. Ntasoni kuvuga ngo Congo ntimurungike Burundi ngoyoca amererwanabi!?.

  • Niyihangane,ntakundi.Imana,ibigonvye,azovayo

  • Uburundi Nibureke Kwikanga Ubusa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.