IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Rumonge : Inama y’umutekano yatunganijwe aharaye hagandaguwe abantu (...)

Rumonge : Inama y’umutekano yatunganijwe aharaye hagandaguwe abantu batatu

mardi 10 Rusama 2016, par Jean De Dieu

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO yatunganije mu gatondo ko kuri uwu munsi wa kabiri inama y’umutekano muri zone Mramvya, komine Burambi, intara ya Rumonge. Iyo nama yatunganijwe ahagandaguwe abantu batatu mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere.

Muri komine Burambi intara ya Rumonge, abantu bitwaje ibirwanisho bishe barashe abantu batatu babasanze mu bunywero barimwo, nk’igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo itatu z’ijoro. Muri abo batatu bagandaguwe, babiri bahoze ari abasirikare, uwundi nawe akaba yari nyene ubwo bunywero bwatewe, akaba azwi kw’izina rya NDEKATUBANE Emmanuel.

Abo bitwaje ibirwanisho barakomerekeje kandi umwana w’umwe muri abo bantu bagandaguwe, akaba yari aje guhamagara se igihe abo bitwaje ibirwanisho bane bambaye impuzu z’igiporisi batera ubwo bunywero. Ariko avurirwa ku bitaro vyo mu Rumonge, nk’uko amakuru ava aho muri komine Burambi, intara ya Rumonge abivuga.

Abo bitwaje ibirwanisho bagiye bivye amaterefone ngendanwa y’abo bantu bagandaguwe, hamwe n’ay’abandi bari muri ubwo bunywero, bakaba bagiye batwaye kandi amakaziye ane y’inzoga, hamwe n’amafaranga ataramenyekana igitigiri.
Mu nama y’umutekano yahuj abatowe mu ntara ya Rumonge kuva ku rwego rwo hasi, Gaston Sindimwo icegera c’umukuru w’igihugu akaba yabasavye kumbubatira amahoro.


IGIHE

Messages

  • Non tuzicana kugeza ryari biteyagahinda

  • Nimureke kuguma mwinzagiza icateje umutekano muke murakizi arinaco gituma abantu birirwa baragandagurwa bunyamaswa mutabanje kugitorera umuti nubwo muzorara murakoranya inama akajana ntaco zizomara kuko ivyobisa nukwisigira isabune kuvyiro nimwibuke kuri buyoya benizo nama zaragirishwa niterabwoba ryishi nkuko nyene mugabo ntanakimwe vyigeze bitanga none nkurunziza nakarwi kiwe bahisemwo kwirirwa baricabantu bibaza Ngo niwo muti mwaheza mugaca muja kwigirisha amanama yo guhuma amaso

  • ABE AT
    RIBO BAYAHUNGABANYA HANYUMA AJE KUVUGA IKI?

  • Urunva se abandi bambara impuzu zigi police aribande atari aba police ni imbonerakure? Iyo namase imaziki?

  • jewembonakonatwebwe, abanyagihugudukwiyekurikanura. ntitwametuvugango. l’été.. kukontibacamwijurubagendahari’ababonakurakobasangiye, ivyiyumvirobakarekangontitura.. ? ha ha ha. iyosinzira"iyinzuyumubanyihiyehanyumahatwagweturabeneza ? twitega’ikinogombere

  • iyabatwarituziko. amaraso ! yesu"ariweyatanze ! ubwicanyibwohagaze.none’ababirantavyobazi. imana’yonyenezobazayomaraso. icoyamenewe’maragaba

  • @tari . Ububwa warobuvukanye.

  • Mbega ivyo uwitwa Tari avuze kobitagira irene?
    Urashobora kunanirwa nokundabikanya kandi ukuze?!?

  • Il faux juger aussi top que possible toute personne qui lance des grenades
    j’ai perdu mon pere hutu qui etait conseil du ministre arthemon simbananiye
    a chaque fois je regarde la photo de mon pere et ca me fait mal il avait 30ans et etait doctor en droit et qui avait ecrit tous ces livres administratives du burundi
    j’ai grandi avec ma mere tutsi et en 1993, encore on assassine toute ma famille tutsi .ma mere avait 8 freres et souer et on a tuer tous. parce que ils etaient tutis et cela il ne faut pas justifier que parce que ndadaye etait tuer 1993!! ou coup d’etat des hutus en 1972.
    N’importe quel acte ne peut pas justifier un genocide.
    si nkurunziza est tuer ,il faut pas justifier le genocide

    En conclusion si les victimes de 1972 demandent la justice c’est tres bien
    si les victimes de 1993 demandent justice ce serait bien.
    Le gouvernment ne devrait pas avoir peur que ca va ramene la division car par "COINCIDANCE"le burundi a connue "2GENOCIDES" celui de 1972 contre les hutu et celui de 1993 contre les tutsi
    Et ceci est une reality and je ne suis pas entrain de balancer .ca ce balance elle meme.
    Ilf faut pas diaboliser aucune ethnie ,tous nous avons pecher alors donnons la valeur a nos familles a punissans serieussement ceux qui ont commit de tel acts
    - buyoya et autres anciens devraient expliquer leur responability en 1972
    - ntibantuganya ,minani,nyangoma ...devraient expliquer leur responsability en 1993
    - la belgique devrait expliquer leur role a ces temps sinon il faut totalement arreter toute cooperation avec ce pays
    on acceptera pas un gouvernment d’unity nationale venant d’arusha avec les gens qui ont quoi a dire a un million de hutu et tutsi mort a cause de la recherche des postes.
    on n’acceptera pas un accord d’arusha sans REFERUNDUM car ils vont la bas aux negociations ils se pardonneent et partage et revienent et avec un peut d’annees de paix et ils se divisent et ils nous tuent comme cible pour y retourner negocier
    Nos intellectuels sont malades et n’ont pas une morale suffisante necessaire pour la democratie et les droits de l’homme tout comme opposition et gouvernment ,la mentality est trop derrierre et c’est comme si on est dans la foret!!
    PLUTOT ON EST HUMAIN ET L’ONU,OUA,USA...NE FERRA RIEN SI NOUS HUTU-TUTSI ACCEPTENT QUE CEUX QUI ONT TUER LES NOTRES SOIENT EXAMPLAIREMENT JUGER
    Si on ne punit pas la nouvelle generation risque de continuer a jouer avec les actes de genocides comme business
    il faut les punir aussi top possible

    eric en angleterre pardon de mon francais

  • Abish Abobantubose Bakwiyihano Kiboneka Umusi Imana Yogaruka Kwisi Yabavuma Ntibazoronke Amahoro Mubuzima Gushika Kumusi Wanyuma Murakoze Nd Elvis Kayokwe Mwaro Kibumbu

  • Ahubwo,reta,nigarukane,igihano,cogupfa!!Kuko,ubwicanyi,bwarenze,ihaniro,mu.Burundi.,kudahana,imbwa,bigwiza,imisega.

  • BAZE BARATAHAKARE IGIHE WARIRONSE RINYWEKARE UTAHEKARE URIRONSEBWIJE RIRAZE UZORINYWEJO HABONA

  • Ico Noterera Nukoboza Barugara Ubunywero Kare,

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.