IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ruyigi: Urugo rw’umugenduzi w’indero mu ntara rwatewe n’abantu bitwaje (...)

Ruyigi: Urugo rw’umugenduzi w’indero mu ntara rwatewe n’abantu bitwaje ibirwanisho

lundi 28 Nyakanga 2015

Urugo rw ‘umugenduzi w’indero mu ntara ya Ruyigi Sylvestre Niyonzima ruri muri quartier ya Sanzu ku murwa mukuru w’intara,rwaratewe n’umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho mw’ijoro ryo kuw’Imana igenekerezo rya 27 Nyakanga 2015.

Nkuko amakuru ava ngaho mu Ruyigi ico gitero cabaye hagati y’isaha zine n’isaha zitanu z’ijoro,igihe umurwi w’abantu bitwaje ibirwanisho bazinguza urugo rwa Sylvestre Niyonzima,baca batangura kurasa.

Sylvestre Niyonzima yaciye atabaza igipolisi naco gica kihashika hakiri kare ibintu bitarononekara.Umuntu umwe mu bari baje kugira ico gitero niwe yapfuye,inkoho yo mu bwko bwa kalashinkov yari yitwaje nayo irafatwa.

Amakuru ava aho mu Ruyigi amenyesha ko ibisakozo vy’inzu yuwo yatewe arivyo vyononekaye gusa.

Mu gipolisi mu Ruyigi bamenyesha ko bamaze gutangura amatohoza kugira abakoze ico gitero bamenyekane.

Mwomenya ko ibitero bitatu arivyo bimaze kuba aho mu Ruyigi,muri ivyo igitero kimwe cabaye ku mushikirizamanza wa Republika aho mu Ruyigi,Imana naho nyene yarakinze ntaco yabaye.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.