IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Abarundi bahunze bemerewe kuba mu Rwanda nk’impunzi

Abarundi bahunze bemerewe kuba mu Rwanda nk’impunzi

vendredi 24 Ndamukiza 2015

Retay’Urwanda yamaze gutanga uburenganzira bwo kuba mu Rwanda nk’impunzi abarundi bababa ibihumbi 11 bahungiye muri ico gihugu, kuva mu mpera z’ukwezi kwa Ntwarante uno mwaka.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 24 ndamukiza, umushikiranganji ajejwe gukurikirana ibibazo vy’impunzi n’ibiza mu Rwanda, yamenyesheje ko izo mpunzi zahawe uburenganzira bwo kuba mu Rwanda nk’impunzi bwitwa ‘’PRIMA FACIE’’.

Seraphine Mukantabana, ajejwe gukurikirana ibibazo vy’impunzi n’ibiza yavuze ko Urwanda rwafashe iyi ngingo rufatiye ku gitigiri c’impunzi z’abarundi zibandanya guhungira mu Rwanda ku bwinshi, kuko ku munsi bakira n’imiburiburi impunzi 800.
Yavuze ati’’Iyo ngingo yo guha impunzi z’abarundi uburenganzira bwo kuba mu Rwanda nk’impunzi gitegekanywa n’ingingo ya 13 y’amategeko agenga impunzi yateweko umukono mu 1951, aho abantu bahunga mu kivunga bahabwa ubwo burenganzira utabajije umwe umwe icatumye ahunga.’’

Iyo ngingo yemerera impunzi guhabwa uburenganzira bwose nk’impunzi, harimwo kuvuzwa, kugaburirwa, kwiga no gukinga ico cose cohungabanya ubuzima bwiwe, kandi ikabuza kumwirukana.

Mukantabana yasiguye ko Abarundi babandanije guhunga, Urwanda ruzokwakira gusa ibihumbi 50, ariko rufashijwe n’amashirahamwe mpuzamakungu rwiteguye kubandanya gukora ibishoboka mu gufasha abahunga bose. Yavuze ko badahuza n’Uburundi kubivugwa n’Uburundi ko Urwanda rwoba ruhimiriza abarundi guhunga bafatiye mu buryo bwo kubaho, kuko mu Rwanda ata kibazo co kubaho kiriho.

JPEG - 29.8 ko
Seraphine Mukantabana, umushikiranganji ajejwe gukurikirana ibibazo vy’impunzi n’ibiza

Yavuze ati’’Nta nyungu Urwanda rufise mu guhunga kw’abarundi, uravye uko bababayeho mw’ikambi, nibaza ko atawokwipfuza kubibamwo ataco ahunze, ariko tubakiriza umutekano, kuko ariwo bahunga barondera mu gihe iwabo bawubuze.’’
Impunzi z’abarundi zivuga ko zihunga umutekano muke n’iterabwoba bagirirwa n’urwaruka rwegukira umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD.

Gushika ubu impunzi z’abarundi zimaze gushika mu Rwanda ni 11095. Baba mu makambi ari mu karere ka Bugesera, Nyanza, Nyagatare na Kirehe. Bitegekanijwe ko bose bazobubakira ikambi mu karere ka Kirehe, ahazwi nka Mahama. Iyo kambi izoba ifise ubunini bwa Hegitari 50.

Raba Video


Van Naris Mugisha

Messages

  • Nuko mutasizeho video yivyo ababarindi barimu Rwara mwarikwifata kumwinwa mwumvirije ivyobagamba.

  • izombonerahafi nako kure nibazibise.nanje nariyo ariko nabonye ubujuju bwabazirongoye twazivuyemwo. nibasubiz’amas’inyuma bahave neza ;bibuke kadafi ;mumbutu muhamedi morci. sadam . mwitonde abanyagihugu babanse ubuken inzara nigihugu gifis’umwanda!!!

  • Nimubise izo ntumva zaba DD uburundi babubemwo bonyene,nimwigire mu Rwanda kandi no muri Kenya hariko i camp y’impunzi naje niyondi namwebwe karibu.

  • Ariko jewe ngerageje kubumviriza nsanze umengo ahanini n’ubukene burimwo kuko ata gatenge canke akarengeti bahora bafise. Avuga ko iyo mu ruvubu abantu batawe mu ruzi, mugabo n’ivyakera cane vyongeye ni kure cane ya kirundo.

    Twebwe twahisemwo kuguma ino mu gihugu kuko vyose n’ugupfa, rindira ibinyamugera bibashwaremwo mu matwi.

    Nimugaruka turabi cio twohindura anyo ahandi ho guhunga si umuti uramba.

  • Murwanda nahantu habi jewe niho hahora abantu banya ahantu ahariho hose ahubwo amacinya arabamarira mwikambi kandi nasize 2 bmaze gupfa kandi abategetsi burwanda nibo bari gukokeza ngo babwire abandi bo muri famille baze ari benshi niho HCR ibitaho,.reka tiurindire gusa jewe sinzosubirayo numwana nzosiga

  • BAKIRANE ITEKA TWESE TURI INYUMA TUZOZA.

  • BAKIRANE ITEKA TWESE TURI INYUMA TUZOZA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.