IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > umucuraranzi > Sam Over Mix > Biography

Biography

mercredi 20 Myandagaro 2014

Irakoze Hugues ariwe azwi cane kw’izina rya Sam Over Mix ni umurundi w’umurimvyi akina n’amareresi n’ibindi.Abakunzi b’umuziki wiwe baribaza iyo yagiye kuko bamubona mu kirabo « Iwabo n’ Abantu » aho aririmba muri karaoke hamwe no ku kirabo « Kw’Isango » ndetse n’ahandi. Over Mix araseruka cane mu mahayanishwa y’ibidandaza canke y’ibikorwa nko mu mashirahamwe yo gutumatumanako amakuru za Africel, Smart. Ikibazo “None OverMix ageze he n’umuziki wiwe?” kikabasha riho kubazwa.

JPEG - 73.2 ko
Sam Over Mix

Sam atangura aca umugani ati:”Uwushaka gusimba kure aritaza”. Uwo mugani awusigura muri aya majambo: “Ndazi ko abakunzi banje bakeneye kumenya ivyo ndimwo ku bijanye n’umuziki. Ndabaremesha ko ataho nagiye kandi sinigeze nicara. Mfise urukurikirane rw’indirimbo nihaye kuzosohora haheze imyaka 4 ariko ndavye aho ngejeje ibikorwa hoba hasigaye nk’umwaka umwe. Aho rero mwumve kandi muntahure kuko ndiko kwitaza kandi murumva ko ndi mu gusimba,”

Buno ari hafi yo “gusimba”(gusohora urwo rukurikirane), asaba ko abantu boba hafi bakamusama ntaze arwe hasi maze ngw’avunike. Urwo rukurikirane rwa Sam Over Mix ariko arukorera mu nzu z’ubuhinyanyizi zibiri zo mu gihugu kibanyi c’Urwanda. Izo nazo akaba ari “ Kiruru 9 Production ” hamwe na “ Get Music ”. Nkuko yabitumenyesheje, akaba yarashoboye guhura n’abaririmvyi nka Nziza Désiré, Docteur Claude, Fortran n’abandi benshi bo mu gihugu c’Urwanda.

Nkuko Sam Over Mix yavyongeyeko, ntariko ategura gusa urukurikirane nrw’indirimbo, ariko ategura n’ireresi yitwa “ Kiyarwa ” afadikanije n’abakinyi b’amareresi bo mu murwi “One Vision” bahoze biga kw’ishuri ry ITELETIQUE. Ivyo bikorwa rero bibiri ariko arakora bikaba bizosohokera icarimwe.

JPEG - 48.5 ko
Sam Over Mix

Mwomenya ko Sam Over Mix yatanguye kuririmba mu mwaka w’1999 ushira uw’2000. Yahoze ari mu murwi wasambutse ubu witwa SEY wamenyekanye cane ku ndirimbo “Ca gikoko”. Umurwi warugizwe na Edna K, Yakuba hamwe na Sam Over Mix.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.