IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ishirahamwe > The Elders risaba iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Arusha mu Burundi

The Elders risaba iyubahirizwa ry’amasezerano y’i Arusha mu Burundi

vendredi 13 Ntwarante 2015

Ishirahamwe ry’abahumure bahoze barongoye ibihugu bitandukanye, harimwo na Kofi Annan yahoze arongoye ishirahamwe mpuzamakungu ONU basaba abategetsi b’Uburundi kwubaha amasezerano y’i Arusha, ku nyungu z’igihugu.

Nk’uko bivugwa na Kofi Annan ari nawe arongoye iryo shirahamwe The Elders, amasezerano y’i Arusha, niyo yatumye hahagara intambara zari zimaze igihe z’igisibije mu myaka iheze mu Burundi, aho abanyagihugu bagera ku bihumbi majana atatu aribo bahasize ubuziama bwabo. Amatora y’umukuru w’igihugu rero ategekanijwe mu kwezi kwa Ruheshi uwu mwaka, akaba asa n’ayateye umutima uhagaze abatari bake mu Burundi,n’amakungu mu gihe ayo masezerano atokwubahirizwa co kimwe n’ibiringo vy’umukuru w’igihugu biyavugwamwo.

Iryo shirahamwe ry’abahoze ari abakuru b’ibihugu ryatangujwe na Nelson Mandela yahoze arongoye igihugu ca Afrika y’Epfo, mbere akaba ari nawe yari arongoye ayo masezerano yo guhagarika intambara mu Burundi, rimenyesha ko ari nkenerwa ko abanyeporitike b’abarundi bamenyera kwubahiriza amasezerano, aha bakavuga nk’iyubahirizwa kandi ry’amasezerano y’urupapuro rw’inzira yateweko umukono n’abanyeporitike bose mu mwaka w’2013. Iryo shirahamwe rero, risaba kandiabanyeporitike, kutaza barahenda urwaruka, baruhamagarira gushamirana n’urundi.

Mwomenya ko iryo shirahamwe The Elders ririmwo abantu batandukanye bigeze kurangura amabanga ahambaye kw’isi, aha tukavuga nka Koffi Annan yahoze arongoye ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Martti Ahtisaari yahoze arongoye Finlande, Fernando Henrique Cardoso yahoze arongoye Bresil, Jimmy Carter yahoze arongoye Reta zunzubumwe z’Amerika, Musenyeri Desmond Tutu arongoye umurwi w’ukumenya ukuru n’ukunywanisha muri Afrika y’Epfo, Graca Machelle umuhinga yigenga w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ku birwanisho bihabwa abana, n’abandi.


Aristide Nizigire

Messages

  • peresida PETERO NKURUNZIZA akwiye neza na neza kwigira kur LYBIE.Rero agakinjura ibihe bikiri bito.UMUKURU W’IGIHUGU atwara abantu et non pas la terre.Iyo abatwarwa batagusha urababisa.Ntayindi solution.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.