IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ubushikiranganji bw’umutekano bwatangaje ivyo bwaranguye mu mezi atatu (...)

Ubushikiranganji bw’umutekano bwatangaje ivyo bwaranguye mu mezi atatu aheze

mercredi 30 Gitugutu 2013

Ubushikiranganji bw’umutekano bwatangaje ibikorwa vyaranguwe n’ubwo bushikiranganji mu mezi atatu arangiye. Muri rusangi, umutekano ukaba wakomeje w’iyongera mu Burundi bwose n’aho hamwe hamwe kandi rimwe na rimwe wagiye urahungabana. Hamenyeshejwe n’ibikorwa buriko burarangura n’ivyo butegekanya gukora

JPEG - 209.5 ko
Gabriel Nizigama, umushikiranganji w’umutekano

Mu kiganiro umushikiranganji w’umutekano, Gabriel Nizigama, yahaye abamenyeshamakuru, yamenyesheje ivyaranguwe mu bushikiranganji arongoye. Nkuko ibwirizwa nshingiro ribitegekanya, ubushikiranganji bwose butegerejwe kumenyesha abenegihugu ivyaranguwe uko amezi atatu aheze. Gabriel Nizigama akaba yamenyesheje ko muri rusangi umutekano wifashe neza mu Burundi bwose. Mu mezi atatu aheze naho, umutekano wabandanije uterimbere. Ariko, nkuko umushikiranganji yabivuze, “nta nyambo ibura agahonzi”, karaciyemwo rimwe na rimwe mu duce tumwe tumwe tw’igihugu. Aha akavugako bimwe mu vyahungabanije umutekano ko hariho: imiriro ya Nyakanga, ugufatwa kw’abakenyezi ku nguvu, abagirizanya uburozi, intureka hagati y’abapfa amatongo hamwe n’utundi tugorane two mu miryango.

Umushikiranganji Gabriel Nizigama yatanze, muri ico kiganiro, ibikuru bikuru ubwo bushikiranganji bwashoboya kurangura. Imirwi 22 y’abagizi ba nabi yasambuwe, abasuma komvyi 57 barafashwe baraheza barashirwa imbere y’ubutungane. Umushikiranganji w’umutekano yongeyeko hashoboye gufatwa ibirwanisho bitari bike vyatswe ababitunze batabifitiye impusha. Amaritiro 16 230 y’inzoga zibujijwe n’amategeko yarasheshwe mu gihe ibiro 4764 vy’ibiyayura mutwe vyafashwe. Aha, umushikiranganji, akaba yanamenyesheje ko hafashwe amahera menshi yamegendo hirya no hino mu gihugu, amashiringi n’amadorari y’abanyamerika.

Ku vyerekeye umutekano wo mw’ibarabara, muri ubwo bushikiranganji bamenyesheje ko barwanije abatwara amakinga bagenda bifadikije ku biduga binibini, cane cane kw’ibarabara ry’igihugu inomero 1 (Bujumbura-Bugarama). Ariko aha bikaba bitarahera kwibonekeza kumwe n’igiturire co mu mabarabara. Ku cerekeye igiturire, Gabriel Nizigama yamenyesheje ko bikigoranye kugituza kuko abagitanga batarumva ko ari umwitwarariko wabo nabo wo kurwanya ico giturire.

Imigambi ya hafi ubushikiranganji buriko burakurikiranira hafi, umushikiranganji abuyoboye, yavuze uruhagarara rumaze iminsi ruri muri Kaminuza y’Uburundi, ivyerekeye abijanye n’abayoboke ba Zebiya hamwe n’imigumuko iza iribonekeza muri ino minsi mu mabohero yo mu gihugu. Ivyo rero ubushikiranganji bukaba buvuga ko buriko burabikurikirana kugira ntibivemwo ibihungabanya umutekano w’igihugu.

JPEG - 225.7 ko
Gabriel Nizigama, umushikiranganji w’umutekano

Ku vyerekeye umugambi w’inama z’umutekano, Gabriel Nizigama yamenyesheje ko bariko barakora ibishoboka kugira bawutsimbataze ndetse bawuronkere n’uburyo bwo gukora. Aha akamenyeshako izo nama z’umutekano bazozitandukanya n’umirwi y’urwaruka ivurwa ko icunga umutekano. Inyigisho ku bapolisi nazo zikazobandanya zitsimbatazwa nkuko biri muri kino gihe.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.