IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Ubusuma bw’ibitungwa bwiraye i Bubanza muri Komine Gihanga

Ubusuma bw’ibitungwa bwiraye i Bubanza muri Komine Gihanga

dimanche 1er Ruheshi 2014

Ubusuma bw’ibitungwa, na cane cane inka, bwabaye ndanse muri komine Gihanga, mu ntara ya Bubanza. Ivyo bitungwa vyibwa bikaba bijanwa mw’ishama cimeza rya Rukoko kubagirwayo maze bigashorwa mw’ijoro.

Muri komine ya Gihanga, mu ntara ya Bubanza, ubusuma bw’inka bwabaye ndase. Nkuko bivugwa n’abamwe baba muri iyo komine, mu kwezi kwa Rusama kwaraye kurangiye, hibwe inka zigera kuri 40.

Igiporiso c’i Bubanza kikaba kimaze gufata abantu 3 bakekwako ubwo busuma. Umukuru w’ishirahamwe ry’abarozi muri komine Gihanga, Jean Baptiste Hatungimana akaba atunga agatoki bamwe mu bayangayanga, aborozi, abungere hamwe n’abadereva b’imiduga, ko aribo bafise uruhara muri ubwo busuma. Uno akamenyeshako abo yikeka, bakoranye n’abajejwe intwaro, bashobora gufasha gutuza ubwo busuma bw’ibitungwa.

Mu nama yabaye hagati y’abajejwe intwaro, abajejwe umutekano n’abaserukira abandi muri komine Gihanga, ishirahamwe ry’aborozi rikaba ryasavye ko hosubira gutangura gukorwa amarondo. Gutyo barabe ko hofatwa abo basuma hamwe n’imiduga iza gutora inyama z’inka mw’ijoro.

Mu ngingo zapfunditse nabajejwe intwaro nuko amasaha yo kubaga inka yemewe ari ukuva isa imwe gushika zitanu z’agatondo. Ikindi bongeyeko nuko ibibanza vyo kubagiramwo inka bizwi bigiye kumenyeshwa. Ivyo vyose bikaba mu ntumbero yo gutuza ubwo busuma bw’inka bwiraye muri komine Gihanga.


INGABIRE Luc-Noël

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.