IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Umumenyeshamakuru yabonye igandagurwa rya Zedi Feruzi yahuze (...)

Umumenyeshamakuru yabonye igandagurwa rya Zedi Feruzi yahuze igihugu

jeudi 28 Rusama 2015

Jean Baptiste Bireha umumenyeshamakuru wa Radiyo Bonesha FM yahungiye mu gihugu c’Urwanda, ku mvo z’umutekano muke wiwe nk’uko abivuga.

Jean Baptiste Bireha umumenyeshamakuru wa Radiyo Bonesha FM, ku musego inyuma y'ugukomereka cane

Jean Baptiste Bireha ari muri ico gihugu kibanyi, inyuma y’aho akomerekeye mu gitero ca gizwe ku mukuru w’umuambwe UPD Zigamibanga mu Ngagara, kuri uyu wa gatandatu mw’ijoro, igenekerezo rya 23 Rusama. Yahunze igihugu inyuma y’aho avugiye uko yabonye ibintu, kw’igandagurwa ryahitanye umukuru w’umugambwe UPD Zigamibanga, hamwe n’umwe mu bari bajejwe kumucungerera ubuzima, uwo mumenyeshamakuru nawe, agakomereka cane, ndetse akaba yarinjiye ibitaro, inyuma yo kubivamwo adakize, atinya ko yari gushobora kwicwa.

Uwo mumenyeshamakuru avuga ko kuva ico gitero cahitanye ubuzima bwa Zedi Ferouzi kibaye, yarasigaye ahunga ku mwanya ku mwanya, agahungira ahatandukanye, atinya ko yoshobora kwicwa. Ubu rero co kimwe n’umuryango wiwe, Jean Baptiste Bireha akaba ari mu gihugu c’Urwanda, aho bivugwa ko yhashitse kuri uyu wa 27 Rusama, ku muhingamo.


IGIHE

Messages

  • ntakundinahungekukomugiheabonayukoumutekanowiweutubahirijwenatweturomusangayokukoivyububiragoye

  • Sinokwita kutazi ubwenge kandi umugambi wabahitanye nyakwigendera Zedi Feruzi wateguwe naba DMI bomurucogihugunyene uvugamowahungiyemwo. Kubatabizi ukwovyarivyateguwe nukugukurikira: Ubwambere bashaka kwica Feruzi kandi bakabwicira kafiyikigo cabajejwe umutekano noneho ngobacebiyirukira ngominyuma abajejwe umutekano bacebaza gutabara ariko hakabahariho uyundimurwi wabanyagihugu wariwateguwe warikucuhashika nyumayabajejwe umutekano noneho ukazanana nibibando namabuye usenerera uterinduru uvugango abapolisi baragandaguye Zedi Feruzi arikorero ntivyabakundiye kandi aricokintu nyanukuru bashaka twovugako kwiza Zedi yarinkidowani mwenirya bategesha ifi (isamaki) bobashaka bamwice maze abajejwe umutekano bahageze gutabara bababashe akaruru ngongaba aba polisi baramugandaguye.

  • imana iruta ingabo,yarahagukuy.urwar ukira .

  • nishyure uwita KANYOSHA ariko wumva DMI ibyo ibifitiye umwanya uri uwo mu kanyosha koko ubwose wumva urwanda rufite iyihe nyungu kuko mufite zahabu kuko mufite iki gitangaje murusha urwa mbe ko twaharaniye ko muva mu bukene aho twabatangira n amahera ngo mujye muri EAC none twe ntanyungu duhangayishijwe n iterambere mwe namwe murwana musubira muri mumyaka 90 birababaje gusa birababaje urwanda nturukina diri nkizo z ubucafu iyaba ho mufite diamant kabisa isubireho urwanda aho rugeze ruri kure nshuti witeranya ibihugu rero uzana uburofa

  • Reka nibarize uwo yiyise KANYOSHA igituma azanyemwo DMI yo mu Rwanda? Apparemment, niyo plan wagaragaje soit disant yari ihari, il faut vraiment etre con pour l’éxecuter, il est vraiment digne de ton raisonnement. Laissez le Rwanda en dehors de tout et essayer plutot de sensibiliser les dirigeants burundais de penser au bien etre de la population.

  • None ko yishwa na Maneko ba Kagame bihisha munsoresore z’aba sans echec. Ahubwo wasanga uyu mugabo ariwe warashe Feruzi. None yagiye mu Rwanda guhembwa amahera Kagame yari yamwemereye.

  • Reka nishure uyu kanyosha ahubwo ari mubamugandaguye ntamuntu ufitubwenge bu fonction avuga gutya.aho womuhumuriza ushobora kuvuga gutya shaaa uri muribo.yesagufashe

  • aba ba type wagirango uwabaroze ntiyakaravye bananiwe kumenya ibibazo bibareba bakirirwa baririmba u rwanda
    Muribuka iyicwa ry ababikira mukamenge ivyo bagiye bahuragura nyuma ntavyatevye abicanyi ntibatevye kugaragara. Reka tubane nk abaturanyi ivyo kwanduranya tubireke kuko buri gihugu gifite ikibazo bikireba kwirirwa mwanduranya mufata hirya no hino ntaco bizodushikanako

  • Ntawe uyobewe ko u Rwanda ruri inyuma y’indyane zo mu Burundi. Nikimenyimenyi inkozi zikibi zose zihungira mu Rwanda (Rajabu, Niyombare, ba Maraya,...) kasiya yose iri kuza iwacu ihunga amahoro.

  • NIYIHANGANENYUMAYIBI AZABANDANYUMWUGAWIWEKANDIDUSENGECANEDUSABIRUBURUNDIBWACU

  • Bitebe bitebuke urupfu rwa nyakwigendera Zedi Feruzi ruzotinda rumenyekana ingene rwateguwe n’abamugandaguye abo ari bo. Bireha nawe ni vyiza ko yahungiye ikigali ntibahave bamugandagura mu gufuta traces ngo hanyuma bagirize umugambwe CNDD-FDD ngo niwe umugandaguye kuko azi vyinshi kuri urwo rupfu. Mission yiwe yo kuba aramusamaza yiyita ko ariko aramubwira inkuru yatohoje hanyuma abicanyi bakabona ingene bamugandagura yarayishikanye. Kagame n’urwanda rwiwe nabo bari bakwiye kumenya neza Uburundi ubwo ari bwo n’ico bumaze ku Rwanda. N’ibihugu bivukana kandi bisangiye kahise bituwemwo n’ubwoko bumwe nyene bw’abahutu, abatutsi n’abatwa tukanavuga n’ururimi rumwe tukagira n’imico ishaka gusa. Mu kirundi ba sokuru barayamaze bati "Urucira muka so rukarya nyoko" kandi bati "ingumba itazi ikibi irigata ishenyo". Histoire y’inkomoko ry’ijambo KIRUNDO ryahavuye ryitirirwa intara imwe duhana urubibe nibaza ko kira munyarwanda ayizi. Kubana mu mahoro rero twese vyoba inyungu ya twese.

  • Abarundi dufatane munda pee.kuko mbona bigoye

  • IMANA nitabare abaturanyi babarundi pe!kandi abo banyapolitiki bareke kwita ku inyungu zabo gusa ahubwo bite ku nyungu za rubanda nyamwinshi,dore ko usanga bamwe bararuswe ninda zabo.

  • muratangaje ngo ngo ukoze ikibi wese ahungira mu rwanda muratangaje ahubwo mwibagira vuba cyane mbere cyane urwanda ruruguruye ku munzi zose guhera kuri ba Ndadaye, ba adolphe,umuhutu umututsi wese uhunga karibu kandi si abarundi twakira gusa ngabo abishe abantu abantu za siera leone , ngizo impunzi zivuye muri israhel zabuze abazazikira za abanyesomaliya ngizo iz iburundi tubafata neza uzumve ahandi maciyanya yabamaze nshuti mureke kwegeka urwanda muri ayo matiku yanyu kuko mbona mwese mwirutse ntawe dusubiza inyuma

  • Ew kagame izo nkozi zikibi uguma ubika harya ntugire ngo ni ok.....ikibwigwa ni cuva icerekwa ni ikibona.

  • UBURUNDI Nibusubizwe COLBAGAZA Naho Abandibose N’IBIGARASHA!NTAMARASOYASESETSE Mugihecye

  • Ahaaaa!Birashiz’i ngani Muburund Ducike Kagati Kuma Kakisenya?Mana Tabar’uburund Bwacu Bugez’ahatembo Uwo Mumenyeshamakuru Ntakundi Niyihangane,ntamvur’idahita Iman’iramuzi.

  • Pore sana nutekane usengimana kuko wavuyo mumeno yingwe

    Ndibaza uzotubera icabona

  • AHAAAA!Biratangaje cyane kubona ubwicyanyi buriko bugigwa na maneko za kagame muburundi ariko bagacya bahungira mu rwanda!iyo mitwe yanyu twayihaze kandi mumenye yuko Peter ari umu kristo vyose bizobatekurukana.

  • Arakabna Ahunze Nakare Uwufise Umtwe Muto Awurinda Urugma Mugabo Azobe Icabna Ca Ferouz Kand Azavge Ukuri Nkuko Yakubnye

  • ABOBANTU BAHUNZE. HARICO BIYAGIRIZA.?

  • BIRABABAJE KUBONA DUSIGAYE TWICANA KURUSHA INYAMASWA MANUBEHAFI

  • Tsindishavu Yishurira Kugihe.Pole Sama

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.