IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > UNHCR : Abarundi barenga ibihumbi ijana bariko basaba ubuhungiro mu bihugu (...)

UNHCR : Abarundi barenga ibihumbi ijana bariko basaba ubuhungiro mu bihugu bibanyi

vendredi 15 Rusama 2015

Ishirahamwe ryitaho impunzi kw’isi rimenyesha ko abantu bagera ku bihumbi ijana bahunze batinya intambara.

Nk’uko iryo shirahamwe ribivuga, abo bantu bahunze bariko basaba ubuhungiro mu bihugu bibanyi, bakaba batinye intambara zashobora kwaduka mu gihugu.

Iryo shirahamwe rikaba rishikirije ivyo, inyuma y’aho, hari umurwi w’abasirikare n’abaporisi bamenyesheje ko batembagaje inzego, ariko mu nyuma barateshwa n’abasirikare bigihugu.


IGIHE

Messages

  • None ko baguma bavugako umutekano ariwose bibonekako NKURUNZIZA avuga canke yishura ibibazo atazi unyishu.Ikiriho navugishe ukuri amakungu atahure ko mu Burundi hari intambara

  • Banyakuntunga Barabandanya Ico Gikorwa None Mbona Umengo Hariho Ibidasonurwa Kndi Vyihishije!!!??Dusigaye Kubona Butumbukamwo Umuriro.

  • yemwe imana nidufashe nayahandi turahumiw!!! ark abategets baribakwiye kwicara hamwe bakavugana tukaronka amahoro

  • Birakwiye ko muvuga ivyo muzi, Titre yiyo article yarikwitwa : abarundi 100,000 bamaze kuba ’Impunzi mu bihugu bibanyi. Kubera yiko convention ya OUA yo muri 1969 ibaha d’officece ubuhungira kuburyo bwa ’’Primafacie’’ ikivunga - ikurikije umutekano muke urangwa mu gice canke kuri territoire yose y’igihugu bakomokamwo. Ako uzobabike......

  • ahubwo nibagaruke twubake igihugu.

  • Ahaaa!Mbega tuvahe?tukajahe? iyi twaro idahindutse tuza kwihungira twese cndd-fdd ititoye ikosha,injara ijura inzara! ntamunyagihugu nyarucari agira kwicwa no gutanga 10000fahemba igipolice utayatanze ukafatwa bumemja muburundi ntibagisivye gusaba ubuhungiro.kandi tusavye amakungu atabare hakiri kare police ihembwa na reta ntihagire umu cndd fdd asubira kwaka intererano kko hageze ko mutwereka ico mwaze.

  • Rekareka ivy’uburundi nibara,n’amahera azokora mumatora,arikoyakwa abanyagihugu

  • Yayaya! none ko abahunze ari bo bari barasansumwe ngo baze batore,bizogenda gute mu matora?erega amatora azoba! Ryoooo,nibagaruke nta ntambara iri mu burundi,ariko bibagira n ingoga:ubuhungiro si bwiza.barambaza ayo naboneye i Mutabira.

  • ahubwo iyo bahungiye nyene nibagume basengera igihugu boye kuguma bacaturako ibintu bibi. Erega uburundi n’ubwabo kandi mu buhungiro si heza

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.