IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Uwutwara ikigo CREDEJ afatiwe mu Rugombo aroye ku rubanza

Uwutwara ikigo CREDEJ afatiwe mu Rugombo aroye ku rubanza

mercredi 3 Ruheshi 2015

Arsene Arakaza asanzwe atwara ikigo CREDJ, ahejeje gufatirwa muri komine ya Rugombo muri intara ya Cibitoke, aho yariko aja mu Rwanda.

Mu kiganiro ahaye ikinyamakuru IGIHE.bi, Arsene arakaza asanzwe yiga muri kaminuza y’Uburundi, atubwiye ko yari kumwe n’abandi batatu hamwe n’umunyarwandakazi, aho bariko baja mu rubanza rw’umugenzi wabo azokobwa kuri uyu wa gatandatu mu gihugu c’Urwanda. Arsene Arakaza akaba yatubwiye igihe twamutora kuri ngendanwa yiwe ko, yabonye umuntu yambaye impuzu zisanzwe abahagarika, umuduga barimwo uca urasakwa, nabo basabwa ivyangombwa barabitanga.

Inyuma y’aho, Arsene Arakaza nabo bari kumwe bakaba baciye bajanwa imbere y’ibiro vya komine ya Rugombo, aho bafise amakenga ko bashobora gushirwa mu gasho. Arsene Arakaza rero, akibaza ingene bashobora gukurwa mu muduga izuba riva, kandi bafise ivyangombwa vyose, bakabuzwa kujabuka imbibe z’igihugu, mu gihe bitaravugwa ku mugaragaro ko izo nazo zugawe.

Ivyo rero bikaba bishitse mu gihe hari amakuru yari amaze iminsi avuga ko yariko araronderwa.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.