IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Yishwe abanje gukubitwa mu mutwe no kuvunwa amaguru

Yishwe abanje gukubitwa mu mutwe no kuvunwa amaguru

mardi 3 Ruheshi 2014

Ikiziga c’umugabo ari hagati y’imyaka 35 na 38 nico cari kiryamye munsi y’ibigo vya kaminuza y’Uburundi biri ku Mutanga, hafi gato y’ishengero ya pentecote muri komine ya Nyakabiga.

Uwo mugabo bikaboneka ko yishwe abanje gukubitwa cane mu mutwe no ku maguru, kuko amaguru yiwe yari yavunaguwe, mbere akaba yari yaviriranye amaraso menshi ku mutwe no ku maguru. Amwe mu maraso yiwe yari yatarukiye ku ruhome, bamwe bakibaza ko yoba yakubitiwe mu bigo vya kaminuza y’Uburundi, abandi bakibaza ko yoba yanizwe n’abasuma bakizura iryo barabara mw’ijoro. Abarengana bamwe bakaba bemeza ko bahora bamubona, ariko bakavuga ko izina ryiwe batarizi. Bamwe mu bari ngaho, bavuga ko bahora bamubona aropora umabuye mu ruzi Ntahangwa, abandi bakavuga ko ku munsi w’ejo igenekerezo rya 2 Ruheshi bamubonye ariko aratembera mu Bwiza.

Ibarabara uwo mugabo yagandaguriweko benshi baryita avenue de la Mort ariko risanzwe ryitwa avenue de l’Imprimerie. Abanyagihugu bakaba bari bashengereye ico kiziga bakavuga ko ari ibarabara ribi cane mu masaha yo mw’ijoro. Bavuga ko ari ibarabara risanzwe rigenzurwa n’abasuma mu masaha yo mw’ijoro, eka no ku murango bakavuga ko nya basuma ubasanga bariko barahayebayeba. Batumenyesheje ko mw’ijoro, ata muntu yohaca afise agasaho canke agaterefone ngendanwa. Kuva igihe c’isaha zitatu z’ijoro, abahaca n’amaguru, bagategerezwa kugenda bakebaguzwa.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.