IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Akahise > 2 Mukakaro

2 Mukakaro

mardi 2 Mukakaro 2013

Igenekerezo rya 2 Mukakaro ni umunsi ugira 183 w’umwaka w’2013. Hasigaye iminsi 182 kugira umwaka w’2013 urangire.

Ibikuru bikuru vyaranze kw’igenekerezo nkiri

1964: Inama nshingamateka ya Amerika itora itegeko rizwi kwizina rya Civil Rights Act.

1976: Igihugu a Viêt Nam kiriyunga.

1993: Norodom Ranariddh atorwa kuba umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Cambodge.

2006: Felipe Calderón atsinda amatora y’umukuru w’igihugu muri Mexique.

2008: Ingrid Betancourt ararekurwa n’murwi w’abaroberi wo muri Colombiya wari wamugize imbohe.

Abazwi cane bavutse kw’igenekerezo nkiri

1877: Hemmann Hesse, umwanditsi akomoka muri Suisse. Yaronse agashimwe kititiwe Nobel muvyo kwandika mu 1946.

1922: Pierre Cardin, umuhinga mugushona akaba n’uwikorera utwiwe akomoka mu Bufaransa.

1923: Wislawa Szymborska, umwanditsi w’ivyivugo akomoka muri Pologne. Yaronse agashimwe kitiriwe Nobel mu kwandika mu 1996.

1925: Patrice Lumumba, uwaharaniye ukwikukira kw’igihugu ca Repubrika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

1942: Vicente Fox, uwabaye umukuru w’igihugu ca Mexique.

1978: Kossi Agassa, umukinyi w’umupira w’amaguru akomoka muri Togo.

Abazwi cane bitavyimana kw’igenekerezo nkiri

1778: Jean-Jacques Rousseau, umwanditsi akaba n’umu philosophe wo muri Suisse.

1915: Porfirio Díaz, uwabaye umukuru w’igihugu ca Mexique.

1961: Ernest Hemingway, umwanditsi w’umunyamerika yaronse agashimwe kitiriwe Nobere mu kwandika mu 1954.

1997: James Stewart, umukinyi w’amareresi w’umunyamerika.

Ibihimbazwa

. Brésil: Umunsi mukuru wo kwikukira.

. Curaçao: Umunsi mukuru wahariwe ibendera.


Luc Noel Ingabire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.