IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abadandaza babandanya gusaba ko ikiringo c’ukudatoza amakori (...)

Abadandaza babandanya gusaba ko ikiringo c’ukudatoza amakori cokwongerezwa

lundi 29 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Abo badandaza bamenyesha ko kuva ingingo yo kutariha amakori ku bidandazwa vya nkenerwa itanguye kuja mu ngiro, ibidandazwa bimwe vyagabanuye ibiciro, mu gihe hari ibindi vyagumye ku biciro vyariko ubwa mbere, ibindi mbere bikaduga ibiciro.

Abo badandaza bavuga ko nk’ifu y’imyumbati ubu igurwa amafaranga 1900 ku kilo, mu gihe ubwa mbere yari hagati y’amafaranga 1700 n’amafaranga 1800 ku kilo. Abadandaza bavuga ko imyumbati ariyo itaboneka kuko iyo bayirangura bisunga ko hari ikibazo c’igitoro bigatuma baca baduza igiciro cayo.

Mu gihe mw’ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Reta ryasavye ko ico kiringo cova ku mezi atatu kigashika ku mwaka, umuvugizi w’umukuru w’igihugu yatumenyesheje ko ico kibazo ubu kibarizwa mu bushikiranganji bw’ikigega ca Reta hamwe no mu kigo gitoza amakori n’amatagisi (OBR).

Ku bijanye n’ibiciro kw’isoko, ibidandazwa bimwe bimwe vyakuweko amakori vyaragabanutse ibiciro, ibindi bimwe bimwe biraduga ibiciro. Nk’ibiharage vyitwa "Jaune" imbere y’uko iyo ngingo isohoka vyagurwa amafaranga 2000 vy’amarundi, inyuma y’iyo ngingo bikaba bigurwa amafaranga 1700 y’amarundi.

Ibindi biharage bisanzwe, imbere y’uko ingingo ija mu ngiro vyagurwa amafaranga 1500, uno munsi inyuma y’ingingo bigurwa amafaranga 1000 y’amarundi mu gisagara ca Bujumbura. Ifu y’ibigori ntiyamanutse kuko imbere y’uko ingingo ija mu ngiro yagurwa amafaranga 2000, inyuma y’ayo ikaba igurwa 2000 vy’amarundi nyene.

Ku bindi bidandazwa, nk’umuceri waramanutseko amafaranga 100, kuko imbere y’ingingo ihagarika amakori ikilo cagurwa 2000 vy’amarundi, ariko inyuma y’ingingo yo kutarihishwa amakori ikilo kigurwa amafaranga 1900.

Ifu y’imyumbati imbere y’ingingo yo kutarihishwa ikori yagurwa 1900 n’inyuma y’ingingo iyo fu igurwa 1900 nyene, abadandaza bakibaza ko vyoba biva ku myumbati itaboneka, niyo ibonetse ikaba izimvye, kubera ikibazo c’igitoro gituma haba ingorane yo kuyunguruza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.