IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa gushaka kwica umushingamateka Zenon NDARUVUKANYE basabiwe (...)

Abagirizwa gushaka kwica umushingamateka Zenon NDARUVUKANYE basabiwe gupfungwa ubuzima bwose

jeudi 21 décembre 2017

Abarengutse ni Eric NTAKARUTIMANA yasubijwe mu buzima busanzwe hamwe na Felix NDAYISENGA yahora ari umuporisi imbere y’uko ahagarikwa, bose bakaba basanzwe bapfungiwe mw’ibohero rikuru ry’intara ya Gitega.

Uko ari babiri bahagaritswe kw’igenekerezo rya 25 Munyonyo 2017, inyuma y’igitero cakozwe ku mushingamateka Zenon NDARUVUKANYE, hafi y’ihinguriro ry’ibinyobwa BRARUDI, gihitana umwe mu bacungera ubuzima bw’uwo mushingamateka.

Sentare Nkuru ya Mukaza ishashe mw’ibohero rya Gitega,yagirije kandi abo babiri gutunga ibirwanisho batabifitiye uruhusha hamwe no guhungabanya umutekano w’igihugu.

Uko ari babiri bose barahakanye ivyo bagirizwa na Sentare Nkuru ya Mukaza,aho bamenyesheje ko bahagaritswe ku mvo za poritike.

Eric NTAKARUTIMANA na Felix NDAYISENGA basaba kwambikwa izera no kurekurwa.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.