IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abagirizwa urupfu rwa Général KARARUZA basabiwe gupfungwa ubuzima (...)

Abagirizwa urupfu rwa Général KARARUZA basabiwe gupfungwa ubuzima bwose

mercredi 16 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Abasirikare bane bagirizwa urupfu rwa Général KARARUZA Athanase, umugore wiwe hamwe n’umwana wiwe, basabiwe gupfungwa ubuzima bwabo bwose. Abo basirikare barahakana ico caha bagirizwa.

Abo basirikare bumvirijwe i Bujumbura kuri uwu wa kabiri, uwaserukiye Reta muri urwo rubanza akaba yabagirije ko arib bagandaguye intwazangabo mu gisirikare c’Uburundi, Général KARARUZA Athanase n’umugore n’umwana biwe. Abo basirikare bashizweko ico caha kubera inkoho yafatiwe hafi y’ahabereye ico gitero, bakagirizwa ko ariyo yakoreshejwe mu kugandagura abo bantu batatu. Ku ruhande rw’abo basirikare, barahakana ivyo bagirizwa.

JPEG - 69 ko
Imodoka ya Général KARARUZA Athanase yarashwe amasasu menshi

Abo bagirizwa ico caha ni Caporal Chef NIKOYAGIZE Prosper, Caporal Chef BIBONIMANA Léonidas, Caporal Chef GATERETSE Roger hamwe na Caporal NDUWIMANA Viateur.

Caporal Roger Gateretse hamwe na Caporal Prosper Nikoyagize bahora bacunga umutekano ku rugo rwa Général Fabien Nzisabira, yashinzwe amabanga mu gihugu c’Ububirigi (attaché militaire). Urwo rugo narwo rukaba ruri muri karitiye ya Gihosha, mu gisagara ca Bujumbura, ari naho abo basirikare babiri bafatiwe.

Général Athanase KARARUZA yagandaguwe n’abantu bataramenyekana mu gatondo ko kw’igenekerezo rya 25 Ndamukiza 2016, mu gihe yari avuye muhira agiye ku kazi n’umupfasoni wiwe, ari kumwe kandi n’umwana wiwe w’umukobwa. KARURUZA n’umugore wiwe bitavye Imana aho nyene, umwana wiwe nawe akaba yacikanye amaze gushika mu minwe y’abaganga.

Général Athanase KARARUZA yahoze ariwe atwara abasirikare b’Abarundi muri Centrafrique, akaba n’icegera c’uwutwara ingabo zose zarungitswe kugarukana amahoro muri ico gihugu ca Centrafrique. Kuva agarutse mu Burundi, gushika ku munsi yagandaguriweko, yari umuhanuzi mwishikira ajejwe ibibazo vy’ukwivuna abansi hamwe n’umutekano mu biro vy’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu.


IGIHE

Messages

  • Abarundi mugiye kumarana

  • Abo ba caporaux ni mwihangane musenge gusa ntibabice kuko ababishe barazwi nibareke kuza barata akarimi kabo ngo bariko barabesha abantu,Kararuza n’umuryango wiwe bishwe na leta ya CNDD co kimwe na Adolphe,Bikomagu,Hasfa Mossi....Prime we yararusimvye ngira yaciye abasaba ikigongwe yemera kubagokera

  • Abobasirikare bararenganwa ntabwaribo babishe, ivyabaye kururya mwana yari yarokotse birazwi, kwabagerageje kumuhohosha kwarabo murireta, nine vyoza kurondera izonzirakarengane gute? ubwobwenge bwanyu dusazwe tubuzi uko mukora.

  • nimba abantu bize bubu biga kubiturire bagasohokana ubujuju, bari bagiye kurondera ubuhing bwubwenge, ivyo biratuyobera. caporal yishe general, amuronderakwiki?... caporal mumateka dufise ijuru niryiw, nkaba bagirijw coups d’état ugira nubushikiranganji barondera, arabandi barakwiye kuhacira ubwenge barabona kwimikoshi yose bakunkumurira kuribo. aho uwobazanira igisirikare kizobaha amagarade kuva kury 2cl kubuhinga nubumenyi akazoduzwa gushika kuryanyuma ryomugihugu cuburundi (general) ntimwomwera mukiganzura? ba caporaux mwe! nivyosivyo? erega birashoboka mubisavye canke mubishatse, akarorero kamw gusa muri ouganda, emwe yarimpanuro

  • mwapfunze abataribo arko ntatsoni bibatera mukuremekinkono ishushe abanyagihugu babandi

  • Abo Ba Caporals Bararenganganwa Umu Kuru Mugisirikare Numugor Wiw Numwana Wiw Bish Na Leta Ya Nkurunziza Ugira Uryamwana Ntibamuhohoshej Arimubitaro Yatanguy Gutora Ubweng Kuk Bumvis Atanguy Kuvuga Ingen Vyagenz Aho Hohoshwa Nabayoboka Nkurunziza Abo Ba Caporal Nibihangan Bazorekurwa Nyamba Imana Itarabakura Kwamaboko.

  • Eweee cndd fdd,ntabutungane buhari muburundi abo bafungiwe gusaaaa,ayomaraso mwanyoye,imana izobishura.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.