IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abakenguzamateka basozereye ibikorwa vy’ukwezi kwa gatandatu

Abakenguzamateka basozereye ibikorwa vy’ukwezi kwa gatandatu

jeudi 31 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Inama nkenguzamateka ivuga kandi ko yatunganije umwiherero mu ntumbero yo gutahura itunganywa ry’intwaro ryakozwe mu 1929 yatumye haba indyane zagiye zibonekeza n’ubu zicibonekeza.

Mu mezi atatu arangiye, inama nkenguzamateka y’Uburundi ivuga ko yatunganije inama yo kwibutsa uruhara rwa buri muntu mu kugwanya igiturire n’urudandazwa rutemeye n’amategeko mu ntara ya Bujumbura na Cankuzo.

Inama nkenguzamateka yaratunganijwe kandi inama y’abatowe mu gisagara ca Bujumbura, bari kumwe n’abasirikare n’abaporisi, mu ntumbero yo kurabira hamwe aho intambwe igeze ku vyerekeye umutekano, inyuma y’urugendo iyo nama yakoze muma komine yose y’igihugu.

Mu gikorwa kijanye no kugenzura ibikorwa vya Reta, inama nkenguzamateka ivuga ko yarmvirije abaserukira Reta kugira imenye ibimaze gukorwa ku bijanye n’agateka ka zina muntu, inyuma y’indyane zabaye mu mwaka wa 2015.

Mu bikorwa bijanye no kwihweza hamwe no kwemeza amategeko, inama nkenguzamateka yaremeje integuro z’amategeko zitari nke hakaba harimwo integuro y’itegeko yerekeye umugwi w’igihugu ujejwe ubumwe bw’Abarundi no gusubiza hamwe, n’integuro y’umugwi w’igihugu ujejwe gukinga ihonyabwoko hamwe n’ubwicanyi bwa kiremwa muntu.

Tubibutse ko abakenguzamateka bazosubira gusasa mu bikorwa vyabo bisanzwe mu kwezi kwa Gitugutu, inyuma y’akaruhuko kazomara ukwezi.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.