IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ukwemera > AMASHENGERO > Abakirisu basabwa gusabira amahoro ibihugu bifise umutekano (...)

Abakirisu basabwa gusabira amahoro ibihugu bifise umutekano muke

jeudi 22 février 2018

Mw’itangazo ryateweko umukono n’umunyamabanga mukuru w’inama y’abepisikopi mu Burundi Patiri Lambert NICITERETSE amenyesha ko uwo musi uzohimbazwa mu ntumbero yo kwitaba akamo batewe n’umukuru wa Ekereziya Gatorika kw’isi Papa Fransisiko,mu ntumbero yo gusaba amahoro.

Iryo tangazo rivuga ko Papa Franisiko yatumiriye abakirisu bose kwisonzesha no gusenga afatiye ku mabi hamwe n’amatati yibonekeza mu mihingo itandukanye yo kw’isi. Patiri Lambert NICITERETSE avuga ko, ako kamo katatewe abakirisu b’abagatorika gusa n’abatari abakatorika bashobora kwifatanya n’abandi kur’uwo munsi.

Patiri Lambert NICITERETSE , umunyamabanga mukuru w’inama y’abepisikopi mu Burundi amenyesha ko ,umukuru wa Ekereziya Katorika kw’isi asaba buri muntu gukora igikorwa kiboneka kugira amahoro aboneke.

Papa Fransisiko yavuze ko buri muntu yokwibaza ati :“Mbega nokora iki jewe nyene kugira ngo amahoro aboneke ?”

Kur’uwo musi, Papa Fransisiko yasavye ko muri ico gisabisho bosabira amahoro ibihugu vya Repuburika iharanira intwaro rusangi ya kongo hamwe n’igihugu ca Sudani y’Epfo.


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • Ekleziya none ntiyemera ko mu Burundi dufise amahoro ? Bashaka ayandi mahoro ameze gute ? Nta gihugu na kimwe kuri iyi si kigira amahoro 100%, ahubwo abashaka gusenga, nibasengere Reta n’abayiyoboye kugirango Imana ibahe ubwenge n’ubukerebutsi bwo kuyobora igihugu mu nzira nziza imisi yose, kandi bakiyobore nkuko Imana y’Uburundi ishaka.

  • Mumeny Ko Turi Mumisi Yanyuma Umuntu Akwiy Kwiyeza Bigishoboka. Kuko Yesu Yaravuz Ko Mumisi Yiherezo Ubwami Ko Buzotera Ubundi. Umuhungu Na Se Ko Bazoryana Nn Vyarjshits

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.