IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abamenyeshamakuru 4 b’insamirizi NTUMBERO FM barengutse

Abamenyeshamakuru 4 b’insamirizi NTUMBERO FM barengutse

mardi 16 janvier 2018

Abo bane barengukishijwe ni NAHIMANA Jean de Dieu, Thierry IRAMBONA, Eric NDABUNGUYE na Egide NDAYISHIMIYE, bakaba bajejwe amabanga atandukanye harimwo umuyobozi w’uruganda rwo kumenyesha amakuru,icegera c’uwujejwe ibiganiro, umuyobozi w’ubuhinga hamwe n’umumenyeshamakuru.

Nkuko amakuru dukesha umwe mu barengutse abimenyesha, ku mutahe wo kubarengutsa handitseko, ko barengukishijwe mu ntumbero yo kubandanya amatohoza.

Ayo makuru nyene amenyesha ko boba barengukishijwe kugira babazwe ku bijanye n’umuntu yoba yarabitwariye n’ubu bataramenya, asaba ko bamuha ibikoresho vy’insamirizi.

Kw’igenekerezo rya 4 Kigarama 2017,mu gihe iradiyo NTUMBERO FM yari imaze umwaka umwe ikora ,urwego rugenzura ingene ibinyamakuru bikora CNC niho rwamenyesha ko ibikorwa vya Radiyo NTUMBERO FM yasamirana mu gisagara ca Bujumbura bihagaritswe.

Umuvugizi w’urwego CNC yamenyesheje ko urwego CNC rumaze kwihweza ibikorwa vy’iradiyo NTUMBERO FM, rwafashe ingingo y’uguhagarika uburenganzira bwo gukora mu kiringo c’amezi atandatu.

Yavuze ko iyo ngingo y’uguhagarika vy’agateganyo ibikorwa vya Radiyo NTUMBERO FM ifashwe kubera itakivuga amakuru, kandi ko itubahiriza ivyo yiyemeje umunsi isaba gusamirana mu Burundi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.