IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abandi bantu bagera kuri 18 bafatiwe mw’ishamba rya Rukoko

Abandi bantu bagera kuri 18 bafatiwe mw’ishamba rya Rukoko

lundi 11 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Abajejwe intwaro muri komine Gihanga bamenyesha ko abo bantu bafashwe mu gihe bamwe muribo bari bagiye kurima hamwe n’ugusenya muri iryo shamba rya Rukoko. Bagirizwa ko barenze itegeko ribuza kwinjira muri iryo shamba.

Abo bantu 18 bafashwe inyuma y’aho abungere bagera kuri 12 nabo baheruka gufatirwa muri iryo shamba cimeza. Abo bungere bafashwe n’abasirikare b’Uburundi bakizura muri iryo shamba, bajanwa gupfungirwa mu gasho ka komine Gihanga.

Abo bungere bagirizwa nabo ko binjiye muri iryo shamba batabanje kubisabira uruhusha, aho akaba ari mu gihe ubuyobozi bw’intara ya Bubanza bwafashe ingingo y’uko ata muntu n’umwe arekuriwe kwinjira muri iryo shamba atabisabiye uruhusha.

Abakunda kuja muri iryo shamba ni abanyagihugu barangurirayo imirimo itandukanye yaba uburimyi, ubworozi, abaja gucanayo amakara, abasenyayo inkwi n’ibindi. Bose babwiwe ko uwuzofatirwayo atabisabiye uruhusha azohanwa bikomeye.

Mu nama y’umutekano yaheruka kugirisha, Buramatari w’intara ya Bubanza yamenyesheje ko iyo ngingo ifashwe ku mvo z’umutekano, inyuma y’aho bibonekeye ko hari imirwi y’abantu bitwaje ibirwanisho bahungabanya umutekano, mu nyuma mu gusubira inyuma bagaca muri iryo shamba cimeza rya Rukoko.

Buramatari w’intara ya Bubanza akaba yaciye afata ingingo y’uguhagarika uruja n’uruza mw’ishamba cimeza rya Rukoko. Muri iyo ngingo ya Buramatari wa Bubanza, bavuga ko ninka izofatwa ijabutse ibarabara rya Bujumbura - Rugombo, ifashe ibarabara rija mw’ishamba rya Rukoko, izotangishwa ihadabu ry’amafaranga y’amarundi agera ku bihumbi ijana.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.