IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi barenga 2500 bahora mw’ikambi y’impunzi i Kamanyola bimukiye mu (...)

Abarundi barenga 2500 bahora mw’ikambi y’impunzi i Kamanyola bimukiye mu Rwanda

jeudi 8 Ntwarante 2018, par Egide NDUWIMANA

Izo mpunzi zakiriwe mu Murenge wa Bugarama, Akarere ka Rusizi, ubuyobozi bw’ako karere bukaba bwamenyesheje ko izo mpunzi zaje zaje ari ikivunge kushika ku mugoroba wo kuri uwu wa gatatu.

Umuyobozi w’Akarere ka Rusizi, Harerimana Frederic, yabwiye RBA ati : “Zatangiye kutugeraho nyuma ya saa sita kugeza nka saa saba n’igice gutyo. Ubu tuvugana turabona nta zindi zikiza kuko abaje bari baherekejwe na HCR na Monusco, kuri aya masaha turabona nta bandi bakiza.”

JPEG - 157.5 ko
Impunzi z’Abarundi zahora mw’ikambi y’impunzi ya Kamanyola muri RDC zimukiye mu Rwanda

Yabandanije agira ati : "Turi kubafasha kubona aho baba baruhukira. Ntabwo turabasha kwicaraha nabo ngo tuganire ariko amakuru bavuga baravuga ni uko bafashe icyemezo cyo kuza kuko bari bafite impungenge ko umutekano wabo ugiye guhungabanywa ndetse ntiwari umeze neza. Turi kubakira baracyari uruvunge hano ku mupaka wa Bugarama na Kamanyola, ni ukubakira tukabandika, twateguye aho turi kubahuriza kugira ngo turebe ubutabazi bw’ibanzwe tubaha, abana kubashakira biscuit, ibyo kurya biciriritse, amazi, hanyuma dufatanyije na HCR tugakomeza kubashakira uko tuza kubitaho ku buryo bufatika.”

Bitegekanijwe ko izo mpunzi z’Abarundi zitwarwa mw’ikambi ya Nyarushishi, ikambi isanzwe ishirwamwo impunzi vy’agateganyo, zihamara umwanya muto.

Igihugu c’Urwanda cari gisanzwe cahaye ubuhungiro Abarundi barenga ibihumbi 75.

JPEG - 160.3 ko
N’ibitungwa vy’izo mpunzi ntivyasigaye inyuma

Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.