IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abarundi bashaka gutahukana ivyo batungiye hanze bakuweko amakori

Abarundi bashaka gutahukana ivyo batungiye hanze bakuweko amakori

mardi 1er Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Reta y’Uburundi imenyesha ko uruhara rw’Abarundi baba mu mahanga ari ntangere. "Abo bose ni abana b’Uburundi bazokwama bisanga igihe cose bazokwipfuza gutahuka mu Burundi canke kuharangurira imigambi."

Mw’iyugururwa kuri uwu wa kabiri ry’indwi yahariwe Abarundi baba hanze, Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ariko Abarundi baba mu mahanga bataragera ku rugero rumwe n’abo mu bindi bihugu, mw’irangurwa ry’imigambi y’iterambere mu bihugu vyabo.

"Twizeye ko muri iyi ndwi yahariwe yahariwe Abarundi baba mu mahanga izofasha gushiraho intumbero yotuma abarundi baba hanze bitanga gusumvya uko bahora."

JPEG - 58 ko
Gaston SINDIMWO, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu

Gaston SINDIMWO yamenyesheje ko Abarundi boshaka gutaha gukorera mu Burundi bahawe ikaze, kandi ko Reta izoborohereza mu migambi yabo.

"Ni muri iyo ntumbero Reta y’Uburundi yiyemeje kuja iraronsa amatongo Abarundi baba mu mahanga bavyipfuza kandi bashoboye gushinga amashirahamwe iwabo canke kwubaka uburaro mu Burundi."

Reta y’Uburundi ivuga kandi ko yakuye amakori ku bikoresho vya nkenerwa umurundi aba hanze yari yatunze, mu gihe yiyemeje kubitahukana mu Burundi, agashobora kuzana ivyo bikoresho atarihishijwe amakori.

Reta y’Uburundi irafise ariko ivyo isaba Abarundi baba hanze.

"Iyo mukwiragiye hirya no hino kw’isi, murama mwibuka ko muri Abarundi. Ntimukigere na rimwe muterwa isoni no kwitwa Abarundi, kuvuga ikirundi canke kugendera imico n’imigenzo vy’Abarundi."

Gaston SINDIMWO abasaba kwirinda kuvuga nabi Uburundi, babeshuze inkuru zose zityoza Uburundi. Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yabasavye kandi kwirinda guhemukira igihugu cabo hamwe n’ukumena ibanga.

Abitavye indwi yahariwe Abarundi baba mu mahanga basabwe kuzokwitaba ihimbazwa ry’umunsi mukuru wahariwe amakomine uzohimbazwa kw’igenekerezo rya 5 Myandagaro 2017.

Gaston SINDIMWO ababwira ati : "Kazoba ari akaryo keza ko kwibonera urugero ikomine muvukamwo zigezeko mw’iterambere. Kazoba n’akaryo keza ko kuganira na benewanyu mwasize mu gihugu ku bibazo n’imigambi n’iterambere vya komine zanyu."

Indwi yahariwe Abarundi baba mu mahanga yatanguye kuva kuri uwu wa kabiri igenekerezo rya mbere Myandagaro, gushika ku munsi wa gatanu igenekerezo rya 4 Myandagaro 2017. Iyo ndwi ihimbajwe muri uwu mwaka w’2017 mu kiringo kigira kabiri, ku civugo : "Reta y’Uburundi n’Abarundi baba mu mahanga, tugire urunani nyakuri rw’iterambere ridakumira."

Japhet Legentil NDAYISHIMIYE aserukira Abarundi baba hanze y’Uburundi avuga ko bagera ku bice bitandatu kw’ijana vy’Abarundi bose, mu mihingo itandukanye y’isi.

JPEG - 46.2 ko
Japhet Legentil NDAYISHIMIYE

Egide NDUWIMANA

Messages

  • Ngo Abarundi baba hanze bazane imitahe mu Burundi?reka reka ntawozana investissement mu gihugu kitagira umutekano,n’imiburiburi boyijana mu Rwanda,benewacu b’i Mahama bakaronka akazi

  • Ariko birantangaza ivyo Gaston Sindimwo avuga !! Hariho ibintu vyinshi bishobora gutuma umurundi aba ahanze atahuka :
    - kwumva yuko atashe atazorabwa igitsure nabo asanze ngaho nkuko umengo nico abafitiye
    - kworoherzwa kuronka nka passeport y’Uburundi batarinze kumugora nkuko tubibona muri ambassade zimwe zimwe( nka Hollande)
    - kwishira no kwizana mu vyiyumviro na démocratie . Abarundi baba nk mu bihugu vya Bulaya ntibabona ibintu nkuko abarundi bari my Burundi babibona mu vyerekeye intwaro rusangi , mu nyigisho nibindi . Aho rero ni Leta ikwiye guhindura ingendo.
    Ikindi naco gikomeye noshikiriza nuko Sindimwo adusaba kuvuga uburundi neza . Ego nivyo mbega ko adadusaba kuvugisha ukuri . Kandi noneho nta murundi yanka uburundi , twaka politiques ziriko ziragirwa mu Burundi , zo gutryoza agateka ka zina muntu , kunigira mu menshi intwaro rusangi , no gusahura itunga rya bose. Ivyo ndidushobora kuvyemera na gatoya

  • KURI LETA Y’UBURUNDI NO KUNZEGO ZAYO ZOSE:
    NG’IBI IVYIHUTIGWA GUKORWA KUGIRA NGO ABARUNDI BOSE BABA HANZE BIYUMVEMWO KUZANA IMITUNGO YABO MU BURUNDI.

    1- Guhagarika burundu ubwicanyi bwa kamwe kamwe: Abarundi benshi baracafise ubwoba bw ivyo bahunze ariko bakaguma bavyumva ko bibandanya. Nimubihagarike, habe amahoro. Mwibukeko ko 90% ari impunzi kandi benshi muribo ni urwaruka rufise ivyiyumviro birashe vyotuma Uburundi butera imbere mu mwanya muto cane.

    2- RUSWA MU NZEGO ZOSE Z’IGIHUGU:
    Ruswa mu Burundi isagaye iteye ubwoba cane, yararenze ihaniro!
    Jewe nari muriyo nama ya Diaspora nazananye n’abana banje bakuze; bariko baratemberezwa mu gisagara buri musi abapolisi babasaba amahera ngo nta karangamuntu bafise kandi baberetse passports zabo zirimwo na VISA. Abana babwiye police ko bahembwa ko ata gituma bobaha amahera y ubusa, banse gutanga 50.000fbu, baciye batangura kubakubita amakofe, babaka za telephones zabo, umushoferi yabatembereza niwe yayabarihiye; bavuye aho bahitana utuntu twabo, bampamagaye bambwira ko bamaze guhindura itike y’indege ko batongera kurara mu Burundi kandi.
    Amajambo bidoze sinoyandika ng’aha kuko batashe babaye cane kandi tukiza bari baje bishimiye kubona igihugu c’abavyeyi babo, narakibakundishije cane baragikunda ariko ubu banyita umubeshi, ngo nashatse kubicisha, narabasavye imbabazi ariko biboneka ko batantahura, kandi barakuze barahejeje kaminuza.
    Muri make: igihe cose RUSWA izoba igitozwa mu gihugu cacu c’Uburundi, nta barundi canke abanyamahanga bazoshora canke ngo bazane imitahe canke amatungo yabo mugihugu c’Uburundi.
    Biboneka ko leta yo nyene ariyo irya ruswa kuko leta si umuntu umwe, leta ni inzego. Leta ikwiriye gukara, uhereye kuri president gushika kuri nyumbakumi, ruswa rube indahiro nko mu Rwanda na Tanzania ya Magufuli. None ko ahandi bishoboka kubera iki mu Burundi bidashoboka guheba ruswa. RUSWA niyo izingamitse igihugu nta kindi. RUSWA niyahava abarundi n’abanyamahanga bazozana imitahe ni benshi caane kuko abo barundi baba hanze barafise abagenzi n’amashirahamwe bakorana bashobora kuzanana gukorera mu Burundi. Imigambi n ugushaka ni vyinshi, hakenewe ko haba umwidegemvyo, umuntu akariha ikori rijanye n’amategeko rushwa nayo ikaba indahiro.

    Dusavye ko Umukuru w’igihugu yohindura ibintu, kuko abofuza kugendera Uburundi nka bose batinya RUSWA muri police, mw’ibarabara, mu ma bureaux, mubmbonerakure n’ahandi n’ahandi...
    Uburundi burahahombera cane kuko usanga hari bamwe bahitamwo kuja kubaka mubihugu bindi nka Tanzania, Malawi, Zambia, Kenya ect...kuberako mu Burundi babasahura utwabo, bataborohereza mukuronka parcelles zo kubakamwo, ugura ikibanza ugasanga cari icuwundi muntu n’ayandi mabi uhwana nayo kandi witwa ngo uri imvukira!!!
    Dufashe muduhe akaryo ko kubaka igihugu cacu basha, muzoba mukoze neza!
    Twizeye ko mugiye kurandurana n’imizi ako karanda ka ruswa katikije igihugu cacu c’Uburundi.
    TUBAYE TURABASHIMIRA.

    â— HOME IS BEST â—

  • Igihugu gitezwa imbere na bene co. uwubona yojana umutahe i rwanda ari libre de le faire.Wewe nyene wibagiye ko uri umutahe ukomeye? = RESOURCES HUMAINES. Igiturire gihagarikwa n’abavukagihugu co kimwe n’ubwicanyi nyene. WEWE URIKO U8FASHA IKI UBURUNDI. REKA KUBWAN?DAGAZA KUKO NA WEWE URIKO WIMENA IJISHO. Bacvyita kwisamburirako nk’impene.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.