IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashikiranganji babiri bajejwe umutekano batumiwe mu nama nshingamateka

Abashikiranganji babiri bajejwe umutekano batumiwe mu nama nshingamateka

mardi 18 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, abo bashikiranganji bompi babanza gukurikira icegeranyo cakozwe n’umurwi wamaho mu nama nshingamateka ujejwe umutekano n’ukwivuna abansi, kivuga umutekano w’Uburundi ingene wifashe.

Inyuma y’ugukurikirana ico cegeranyo, abo bashikiranganji bishura ku bibazo bitandukanye vy’abashingamateka.

Ivyavugiwe mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe, hamwe n’ibiri muri ico cegeranyo c’abashingamateka, turabigarukako mu makuru yacu yo hanyuma.

JPEG - 27.8 ko
Alain Guillaume BUNYONI ari kumwe na Emmanuel NTAHOMVUKIYE mu nama nshingamateka

Tubibutse ariko ko umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume BUNYONI asanzwe ari mu batumiwe mu nama nshingamateka yamenyesheje kuri uwu wa mbere ko muri rusangi mu biharuro bafise, basanga ubugizi bwa nabi bwagabanutse, bagereranije n’amazi atatu ya mbere y’umwaka w’2017. Nk’uko vyashikirijwe n’umushikiranganji Alain Guillaume BUNYONI, ivyo biharuro vyavuye ku ncuro 1331 mu gice ca mbere c’umwaka, bija ku ncuro 901 muri iki gice ca kabiri c’umwaka, ni ukuvuga ko ubugizi bwa nabi mu Burundi bwagabanutse ku bice 32,3 kw’ijana.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.