IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashingamateka b’Uburundi baremeza canke bahakane integuro y’itegeko (...)

Abashingamateka b’Uburundi baremeza canke bahakane integuro y’itegeko ry’ukuva muri CPI

mercredi 12 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Inama nshingamateka iriga kuri uwu wa gatatu itegeko ryarungitswe na Reta y’Uburundi, risaba ko igihugu c’Uburundi cokwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Ico kiganiro kidasanzwe kibera mu nama nshingamateka y’Uburundi gitangura igihe c’isaha zitatu n’iminota mirongo itatu. Turagaruka mu makuru yacu yo hanyuma ku vyashikirijwe n’abashingamateka.

Abashingamateka ijana n’umwe nibo bitavye ivyo bikorwa, nayo umushikiranganji w’ubutungane, Laurentine KANYANA akaba ariwe yagiye gusigura igituma Uburundi bwafashe ingingo y’ukwikura muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha.

Mu nama nshikiranganji yabaye kuri uwu wa kane igenekerezo rya 6 Gitugutu 2016, Reta y’Uburundi yemeje ingingo yo kwikura mu masezerano yashizeho sentare mpuzamakungu mpanavyaha, CPI.

Abashingamateka b’Uburundi bakaba basabwe nabo kwemeza canke kwanka iyo ngingo yafashwe na Reta.

Igihugu c’Uburundi cateye umukono kuri ayo masezerano y’ukuja muri sentare mpuzamakungu mpanavyaha kw’igenekerezo rya 30 Myandagaro 2003.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.