IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abashingamateka n’abakenguzamateka berekanye amakenga k’ubuserukizi (...)

Abashingamateka n’abakenguzamateka berekanye amakenga k’ubuserukizi bw’Uburundi butagira imodoka

jeudi 12 avril 2018

Umukuru w’inama nkenguzamate Reverien NDIKURIYO yavuze ko ubuserukizi bw’Uburundi mu gihugu ca Misiri na Bresil, bufise ubukene bw’imodoka, bigatuma ibikorwa vy’ubuserukizi bidakorwa neza.

Ikibazo c’ubukene bw’imodoka mu buserukizi bw’Uburundi ntibwavuzwe muri ivyo bihugu gusa, kuko icegera ca kabiri c’umukuru w’inama nshingamateka Jocky Chantal NKURUNZIZA nawe yavuze ko ubukene bw’imodoka bwibonekeza no mu buserukizi bw’Uburundi mu gihugu ca Republika Iharanira Intwaro Rusangi ya Kongo, bigatuma haba ibikorwa bidakorwa nk’uko vyategerezwa.

Kuri ayo makenga y’abashingamateka n’abakenguzamateka, icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Gaston SINDIMWO ariko ashikiriza ivyaranguwe mu bushikiranganji bukukira ibiro vyiwe kuwa kabiri igenekerezo rya 10 Ndamukiza 2018, yasiguye ko hari imiriyoni 250 z’amarundi ziba zitegekanijwe ku modoka z’ubuserukizi ariko ayo mafaranga ari make cane.

Icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yemeje ko ico kibazo kiriho, yemeza kandi ko n’aho izo modoka z’ubuserukizi bw’Uburundi ziri, usanga zishaje.

Gaston SINDIMWO avuga ko bari basavye ubuserukizi bw’Uburundi mu bindi bihugu, ko bwosaba inganda zikora imodoka zigatanga izikoreshwa mu buserukizi, zikazoza zirarihwa buke buke.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Je,nbona,leta,yoshiraho Itegeko Ryuko,ubuzi Bumwebumwe Bwayo,uwobabuhaye,yimenya, kuri,deplacement None,nka, Ambassadeur,yobura,imodoka ? Mbe,umunyeshure Kuri,kaminuza,kandi, Ntahonikora,ntaziga,kwideni ? ,imodoka,ya,ambassadeur.! agafashanyo Kumunyeshure, ! Ibaze,nawe ?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.