IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Abatarandikisha abagize ingo zabo baragabishwa ko bashobora (...)

Abatarandikisha abagize ingo zabo baragabishwa ko bashobora guhanwa

mardi 2 janvier 2018

Mw’ijambo yashikirije abarundi mu ntumbero yo guhimbaza umwaka mushasha wa 2018, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko mu ntumbero yo kwirinda gusiga umuryano mu muryango, abarundi basabwe kuvyara abo bashoboye kurera.

Muri iryo jambo, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yavuze ko bafatiye ku civugo ngenderwako, hari ibigiye gukorwa kugira abarunsi bazirikane igihugu, bamenye iyo bava n’iyo baja.

Umukuru w’igihugu ati ibitegekenijwe ni :’’ Gufasha Abarundi kumenya neza amateka y’Igihugu baheze bayisunge mu gutegura kazoza. Muri iyo ntumbero, Umurwi w’Igihugu ufasha Abarundi kumenya Ukuri no kunywana waranaguwe, dusavye Abarundi kuwushigikira mu bikorwa vyawo.’’

Umukuru w’igihugu yavuze kandi ko bagiye guha ikibanza kibereye imico, imigenzo n’akaranga vyaranze Abarundi n’intwari zarwaniye Igihugu n’abandi bashize imbere Inyungu z’Igihugu,kwiga no gutegura umugambi wo kwubaka Ikigo c’Imico n’Akaranga vy’Uburundi.

Umukuru w’igihugu yamenyesheje ko bagiye kujijura Abarundi, bamenye bongere bazirikane ko igihugu ari ic’Abarundi, ko aribo nyene bategerezwa kugitunganya, abadufasha bakaza abarundi babibasavye kandi baberetse aho bakeneye intererano yabo.

Icivugo c’umwaka wa 2018 kandi kizobandanya mu mwaka wa 2019, ni : “Tuzirikane Igihugu cacu, tumenye iyo tuva n’iyo tuja”.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • BIRAGOYE NAYESU UBWIWE NTIYAKARA UKO MUGOBO IMANA IKUNDA BOSE ABANYAVYAHA YAZANYE NOGUKIZA NTAWO YISHE NAPETERO YARATANGUYE KUBACA AMATWI YESU ATI GEZAHO

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.