IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abayoboke 4 b’umushingamateka Agathon RWASA bungurijwe mw’ibohero rikuru rya (...)

Abayoboke 4 b’umushingamateka Agathon RWASA bungurijwe mw’ibohero rikuru rya Bubanza

vendredi 5 janvier 2018

Abo bungururijwe mw’ibohero rikuru ry’intara ya Bubanza bari bahagaritswe kuwa gatanu , igenekerezo rya 30 Kigarama 2017, i Gihanga, mu ntara ya Bubanza, bagirizwa kwigisha kutemeza ibwirizwa nshingiro rishasha ryahinyanyuwe.

Amakuru ava aho mu ntara ya Bubanza, amenyesha ko bagihagarikwa ku munsi wa gatanu bari batanu, ariko umwe muri abo azwi kw’izina rya Claude akaba yahavuye arekurwa, mu gihe abandi baciye binjizwa ibohero rikuru rya Bubanza.

Mwomenya ko hari abandi bayoboke 5 b’umushingamateka Rwasa Agathon bahagaritswe kuwa gatandatu igenekerezo rya 30 Kigarama 2017 bagirizwa kudashigikira ihinyanyurwa ry’ibwirizwa nshingiro,bagipfungiwe mu gasho ka Zone Muzinda,komine Rugazi,intara ya Bubanza.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.