IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amapikipiki 102 yafashwe mw’isekeza ry’ukurwanya abatagira ivyangombwa

Amapikipiki 102 yafashwe mw’isekeza ry’ukurwanya abatagira ivyangombwa

vendredi 10 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Kuri uwu wa gatanu, ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, bufadikanije n’ubushikiranganji bw’umutekano bwatanguje isekeza ryo kurwanya inzoga zitemewe n’amategeko hamwe n’amapikipiki akora adakwije vyangombwa.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Pascal BARANDAGIYE amenyesha ko iryo sekeza rigiye gukogwa mu gihugu cose mu ntumbero yo gutuza burundu ingeso yita guha ishano bene Burundi, no kurwanya amasanganya aturutse ku bagendesha amapikipiki badakwije ibisabwa n’amategeko.

Umushikiranganji BARANDAGIYE avuga ati : «Iri sekeza rigiye gukorwa mu gihugu cose dufadikanije n’abajejwe umutekano hamwe n’abajejwe ubutungane. Turamaze kubirwanya ku rugero rwa 70 kw’ijana mu gihugu hagati, aho bigikongataye ni mu gisagara ca Bujumbura, aho naho tugiye kuhicarira tubituze burundu».

Uwo mushikiranganji arongera akagabisha abari mu ntwaro no mu bajejwe umutekano bakingira ikibaba canke mbere bagakora izo nzoga zitemewe n’amategeko, nk’aho basanze umusirikare muri zone ya Kamenge afise inzu ikorerwamwo izo nzoga.

«Turazi ko harimwo abajejwe kurwanya iryo shano ariko bakaba aribo babikora canke bagakingira ikibaba ababikora. Ndasavye ko abomenyekana bosubirizwa mu maguru masha, n’ibihano bishimishije bigafatwa»

Umushikiranganji BARANDAGIYE arongera akamenyesha ko igituma vyahora bigorana kurandurana n’imizi izo ngeso biva ku bihano bidashimishije bihabwa abakora ayo makosa.

« Ibihano bahora bahabwa ntibishemeye. Dusavye abajejwe ubutungane ko abafashwe bocigwa imanza z’ikibiriraho bagashirwa mu munyororo hako babaca amande bagaca babarekura bakisubirira gukora ibidashemeye »

IRADUKUNDA Jean de Dieu, umwe mu bagendesha ipikipiki yatwiganiye ko benshi muribo bagenda ata vyangombwa bafise kubera ko bisigaye bigoye kuronka vyose ku mvo z’amikoro make.


Pacifique BUKURU

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.