IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe APM na ALDP yagendewe n’uwuserukira Ubufaransa mu (...)

Amashirahamwe APM na ALDP yagendewe n’uwuserukira Ubufaransa mu Burundi

jeudi 16 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Katumbuli Kitungano Anaclet aserukira ALDP yamenyesheje ko mu myaka 15 ishirahamwe ryabo rimaze, ribandanya ibikorwa vyaryo vyo gufasha bantahonikora kwitegurira kazoza.

Katumbuli Kitungano Anaclet yashikirije ko imigambi ijanye n’indero hamwe n’amagara y’abantu ko iza muya mbere bakora, na cane cane ibijanye no kwubaka amashure, kwubaka ibigo vy’imyuga hamwe no kwubaka ivuriro.

ISSA Ibrahim ajejwe gukurikirana ibikorwa muri APM avuga ko urwaruka rwinshi rumaze kuronswa ubumenyi ku bijanye n’imigambi y’iterambere rusangi. Muri iryo shirahamwe bavuga ko urwo rwaruka rwaronse izo nyigisho rumaze kwishikana ku rugero rushimishije, mbere rukaba rumaze kuronka n’ubuzi butandukanye.

Issa Ibrahim yashikirije ko kubura ibikoresho bimwe bimwe hamwe no kubura umuhora wa "Internet", ivyo bigatuma ibikorwa bimwe bimwe vyo muri iryo shirahamwe bitagenda neza.

Alimasi HORIMBERE ari mu baronkeye inyigisho mu bigo vy’ayo mashirahamwe yashikirije ko yaharonkeye ubumenyi bwinshi bwamugiriye akamaro mu buzima, nk’ibijanye no gutamba hamwe no kwiga gukoresha imashini nyabwonko. Alimasi HORIMBERE atera akamo urundi rwaruka guheba inzira zitaroranye, rushobore kwifatanya n’abandi kugira ruronke ubumenyi.

Laurent DELAHAUSSE aserukira igihugu c’Ubufaransa mu Burundi yashikirije ko bazobandanya bafasha urwaruka kugira rwiyungunganye na cane cane mu kurufasha kuronka akazi hamwe no guterera muri poritike yo guteza imbere igihugu.

Mu mwaka umwe umugambi CIJM umaze utanguye, bakora ibikowa vyo kwigisha urwaruka ibijanye no kubarira, gukoresha imashini nyabwonko, kuririmba harimwo n’ibigo urwaruka rusomeramwo ibitabo, hamwe n’inzu yo gusohoreramwo indirimbo.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.