IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amatoni 325 y’ubutare bwa "Terre Rare" niyo amaze kudandazwa mu mezi (...)

Amatoni 325 y’ubutare bwa "Terre Rare" niyo amaze kudandazwa mu mezi atandatu

lundi 9 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe RAINBOW, Gilbert MIDENDE, yamenyesheje ko ku ndwi ku ndwi amatoni agera kuri 25 ariyo adandazwa hanze y’Uburundi, ayo nayo akaba yinjiza amafaranga agera ku madorare ibihumbi umunani y’abanyamerika.

Mu nteguro z’umwimbu w’umwaka w’2018, ishirahamwe RAINBOW rivuga ko amatoni agera ku bihumbi bitatu y’ubutare bwa "Terre Rare" ariyo azodandazwa hanze y’Uburundi.

JPEG - 71.2 ko
Gilbert MIDENDE, umuyobozi mukuru w’ishirahamwe RAINBOW

Iryo shirahamwe ryamenyesheje kandi n’ibibazo rigira muri ico gikorwa, ivyo bikaba bigizwe n’ingingo ya Reta y’uko amafaranga y’agaciro acishwa muri Banki nkuru y’igihugu, ubutare bushobora kunyika bakabutora ahandi, hamwe n’imvura iyo iriko irarwa itorohereza abakozi b’iryo shirahamwe, kuko mu mvura badakunda ko bimba ubutare.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.