Accueil > Amakuru > u Burundi > Amatora y’ibwirizwa shingiro rishasha ashobora kuba mu kwezi kwa (...)
Amatora y’ibwirizwa shingiro rishasha ashobora kuba mu kwezi kwa gatanu
samedi 16 Kigarama 2017, par
Mu murwi CENI bavuga ariko ko iryo sango ari iry’imfatakibanza, kuko umunsi ntabanduka w’amatora umenyekana ari uko umukuru w’igihugu ateye umukono kw’itegeko ribivuga.
Pierre Claver NDAYICARIYE, umukuru w’umurwi CENI asigura ati : "Itora ry’ukwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha mu nteguro mfatakibanza, tubona ko rizoba mu kwezi kwa gatanu kw’umwaka uza. Iyo tuvuze ukwezi kwa gatanu kw’umwaka uza, umunsi w’urwo rubanza uhora umenyekana neza iyo umukuru w’igihugu amaze gushirako umukono kw’itegeko ritomora umunsi ayo matora azoberako."
- Pierre Claver NDAYICARIYE, umukuru w’umurwi CENI
Pierre Claver NDAYICARIYE amenyesha ko yisunze ivyo CENI imaze kuganira n’inzego z’igihugu, yokwemeza ko ayo matora azoba mu kwezi kwa gatanu.
Egide NDUWIMANA