IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amatora y’ibwirizwa shingiro rishasha ashobora kuba mu kwezi kwa (...)

Amatora y’ibwirizwa shingiro rishasha ashobora kuba mu kwezi kwa gatanu

samedi 16 Kigarama 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu murwi CENI bavuga ariko ko iryo sango ari iry’imfatakibanza, kuko umunsi ntabanduka w’amatora umenyekana ari uko umukuru w’igihugu ateye umukono kw’itegeko ribivuga.

Pierre Claver NDAYICARIYE, umukuru w’umurwi CENI asigura ati : "Itora ry’ukwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro rishasha mu nteguro mfatakibanza, tubona ko rizoba mu kwezi kwa gatanu kw’umwaka uza. Iyo tuvuze ukwezi kwa gatanu kw’umwaka uza, umunsi w’urwo rubanza uhora umenyekana neza iyo umukuru w’igihugu amaze gushirako umukono kw’itegeko ritomora umunsi ayo matora azoberako."

JPEG - 18.7 ko
Pierre Claver NDAYICARIYE, umukuru w’umurwi CENI

Pierre Claver NDAYICARIYE amenyesha ko yisunze ivyo CENI imaze kuganira n’inzego z’igihugu, yokwemeza ko ayo matora azoba mu kwezi kwa gatanu.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.