IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Bujumbura : Abarondera impapuzo z’inzira (Passeports) baridogera abajejwe (...)

Bujumbura : Abarondera impapuzo z’inzira (Passeports) baridogera abajejwe kuzitanga

mardi 17 Gitugutu 2017, par Egide NDUWIMANA

K.D ni umupfasoni w’abana babiri aba mu gisagara ca Bujumbura. Yemeza ko ukwezi guheze asavye impapuro zibiri z’inzira z’abana biwe biwe bashaka kuja mu buruhuko hanze y’Uburundi. Uwo muvyeyi amenyesha ko ubwo buruhuko bwarinze buhera ataronse izo mpapuro z’inzira.

Uwundi mugabo atashimye ko izina ryiwe yimenyekana avuga ko ikiraka yari yaronse muri kimwe mu bihugu vya Buraya yagitakaje kubera amaze amezi abiri asavye urupapuro rw’inzira, ariko gushika ubu akaba atararuronswa. Uwo mugabo amenyesha ko abari bamuhaye ico kiraka (Consultance) bari bamuhaye ikiringo c’ukwezi kumwe, ariko akaba amaze ayo mezi abiri atararonswa urwo rupapuro rw’inzira. Yemeza ko ikibanza ciwe caciye gihabwa uwundi.

Tubajije insiguro bahabwa abo bavuga ko batararonswa impapuzo z’inzira basavye, bamenyesha ko babwirwa n’abakozi b’igiporisi kijejwe uruja n’uruza ko ibikoresho bikora izo mpapuro z’inzira ari bike, bitewe n’amafaranga y’agaciro adahari. Bimwe mu bikoresho bivugwa ko bikenye akaba ari impapuro zikoreshwa, izo nazo zikaba zigurirwa hanze y’Uburundi hakoreshejwe amafaranga y’agaciro. Mu giporisi kijejwe uruja n’uruza barahakana ayo makuru.

Jimmy HATUNGIMANA, umuyobozi mukuru w’igiporisi kijejwe uruja n’uruza (PAFE : POLICE DE L’AIR, DES FRONTIÈRES ET DES ÉTRANGERS) amenyesha ko mu gisata gikora izo mpapuro z’inzira higeze kuba ingorane z’ubuhinga, ariko akamenyesha ko izo ngorane zatorewe inyishu.

JPEG - 28.3 ko
Jimmy HATUNGIMANA, umuyobozi mukuru w’igiporisi kijejwe uruja n’uruza (PAFE : POLICE DE L’AIR, DES FRONTIÈRES ET DES ÉTRANGERS)

Jimmy HATUNGIMANA yemeza ko ibikoresho vyose bikenerwa mu gukora impupuro z’inzira bihari, akavuga mbere ko ata muntu amaze ukwezi canke kurenga ataratunganirizwa, mu basavye izo mpapuro z’inzira.


Egide NDUWIMANA

Messages

  • Banyagihugu mutatunganirijwe n’ivyo biro bijejwe uruja n’uruza mukamara amezi n’amezi mutaronse impapuro mwipfuza, umukuru abijejwe arabakuriye inkoni ku gishitsi. Nta ngorane zihari muri ico gisata, ahubwo ntimuzi ingene mwisigura mu gusaba ivyo mushaka. Ni mwasubirayo murumva yuko bizoba vyoroshe. Abumva ni bumve.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.