Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke : Abantu 36 bagirizwa uburozi bagabishijwe ko bazokwicwa
Cibitoke : Abantu 36 bagirizwa uburozi bagabishijwe ko bazokwicwa
samedi 4 Munyonyo 2017, par
Abajejwe intwaro muri komine Mugina bamenyesha ko bamaze gushika ahatowe izo mpapuro, kugira bahumurize abanyagihugu, bongere babibutse ko kwihanira ari icaha gihanwa n’amategeko.
Abanyagihugu banditswe kuri izo mpapuro bavuga ko babeshewe, bagasaba ko umutekano wabo wokwubahirizwa.
Abo banyagihugu bamenyesha ko kenshi ukwagirizanya uburozi biterwa n’amatati y’amatongo, hamwe n’ukutumvikana kuba kuri hagati y’abagirizanya ubwo burozi.
Jovitte Bayavuge, Musitanteri wa Mugina aragabisha abandika izo mpapuro bagiriza abandi uburozi kandi bavuga ko bazobica. Uwo aramutswa intara ya Mugina amenyesha ko azokwagirizwa kwandika hamwe n’ugukwiragiza izo mpapuro bazohanwa hakurikijwe amategeko.
Egide NDUWIMANA