IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Cibitoke : Abantu 36 bagirizwa uburozi bagabishijwe ko bazokwicwa

Cibitoke : Abantu 36 bagirizwa uburozi bagabishijwe ko bazokwicwa

samedi 4 Munyonyo 2017, par Egide NDUWIMANA

Abajejwe intwaro muri komine Mugina bamenyesha ko bamaze gushika ahatowe izo mpapuro, kugira bahumurize abanyagihugu, bongere babibutse ko kwihanira ari icaha gihanwa n’amategeko.

Abanyagihugu banditswe kuri izo mpapuro bavuga ko babeshewe, bagasaba ko umutekano wabo wokwubahirizwa.

Abo banyagihugu bamenyesha ko kenshi ukwagirizanya uburozi biterwa n’amatati y’amatongo, hamwe n’ukutumvikana kuba kuri hagati y’abagirizanya ubwo burozi.

Jovitte Bayavuge, Musitanteri wa Mugina aragabisha abandika izo mpapuro bagiriza abandi uburozi kandi bavuga ko bazobica. Uwo aramutswa intara ya Mugina amenyesha ko azokwagirizwa kwandika hamwe n’ugukwiragiza izo mpapuro bazohanwa hakurikijwe amategeko.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.