IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Colonel Dieudonné Dushimagize yahinduriwe ibohero

Colonel Dieudonné Dushimagize yahinduriwe ibohero

jeudi 16 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Colonel Dieudonné Dushimagize batazira "Gangi" yungururijwe mw’ibohero ry’i Bubanza kuva kuri uwu wa gatatu, inyuma y’amezi hafi ane apfungiwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba. Amakuru dukura mw’ibohero rikuru rya Mpimba avuga ko iyo ntwazangabo yahinduriwe ibohero kubera yikekkwa ko ibandanya ibikorwa vy’ukugerageza guhungabanya umutekano w’igihugu.

Imbere y’uko yungururizwa mu rindi bohero, icumba araramwo cari casatswe n’igiporisi, mbere na terefone ngendanwa yiwe ijanwa mw’igendereza. Mu muryango w’iyo ntwazangabo bakaba bafise amakenga ku mutekano wiwe.

JPEG - 47.4 ko
Colonel Dieudonné Dushimagize batazira "Gangi" yungururijwe mw’ibohero ry’i Bubanza

Colonel Dieudonné DUSHIMAGIZE yafatiwe mu biro bikuru vya gisirikare kw’igenekerezo rya 18 Munyonyo 2016, inyuma y’ukwumvirizwa akaba yaciye ajanwa gupfungirwa mw’igendereza, mu nyuma ajanwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba i Bujumbura. Mu giporisi c’Uburundi bamwagirije ko akorana n’umurwi w’abantu bari mu Rwanda, mu gutegura hamwe n’ugushira mu ngiro ibikorwa vy’uguhungabanya umutekano w’igihugu, hamwe n’ugutegura igandagurwa rya bamwe mu ndongozi z’Uburundi.

Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE akamenyesha ko uwo musirikare yagirizwa uguhungabanya umutekano w’igihugu, hamwe n’ugushaka gukora ubwicanyi (Atteinte à sûreté de l’État et Tentative d’assassinat) kuri Willy NYAMITWE, umuhanuzi mwishikira mu biro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi.

Mu banyororo bahinduriwe ibohero kuri uwu wa gatatu, harimwo n’umwe mu bagirizwa igitero cakozwe kuri General Prime NIYONGABO, umukuru w’ibiro bikuru vy’igisirikare c’Uburundi, uwo nawe akaba yimuriwe mw’ibohero ry’i Gitega, nk’uko amakuru dukura mw’ibohero rikuru rya Mpimba abimenyesha.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.