IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Intwaro ibereye > Doing Business : Ubuyobozi bwa API burasigura icatumye Uburundi butakaza (...)

Doing Business : Ubuyobozi bwa API burasigura icatumye Uburundi butakaza ibibanza

lundi 15 janvier 2018

Ku rutonde Doing Business rw’umwaka wa 2018 ku mugabane wa Afrika, igihugu c’Uburundi kiza mu kibanza c’164, mu gihe mu mwaka wa 2017, Uburundi bwari mu kibanza c’157, bisigura ko cakorotse ibibanza 7.

Kubwa Alexandre NDAYISHIMIYE,umuyobozi nfatakibanza ajejwe impinduka mu kigoAPI, amenyesha ko Uburundi bwatakaje ivyo bibanza kuko mu gihe hari ivyo bahinyanyuye mu kigo API, n’ibindi bihugu birahinyanyura bigatuma haguma ubusumbasumbane.

Alexandre NDAYISHIMIYE avuga ko mu gihe bariko barasuzuma uko kworohereza abanyamitahe mu bihugu bikorwa, bafatira ku biba vyarahinduwe bakaraba n’ingene bishirwa mu ngiro.

Umuyobozi ajejwe ibihinduka mu kigo API amenyesha kandi ko kuba amafaranga yasabwa kugira umunyamutahe yandikishe ishirahamwe yaradugijwe akava ku mafaranga ibihumbi 50 vy’amarundi, akaja ku bihumbi 150 vy’amarundi vyatumye Uburundi butakaza ibibanza.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Iyi nkuru nta kanovera igira namba, kuzungurutsa uririmi gusa. None dufashe iki aha kabisa ? Ivyo vyariko bihindurwa ni ibiki ? Uyu mwaka hazokorwa iki kugira dusubire kuja imbere ? Abamenyeshamakuru bakwiye kubaza ibibazo bituma hasohoka inkuru apana kuzuza ikibanza gusa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.