IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Ubuhinga bwa none > ECONET Leo > Econet Leo yabazaniye uburyo bworoshe bwo kugura uduseke,iminota canke (...)

Econet Leo yabazaniye uburyo bworoshe bwo kugura uduseke,iminota canke ubutumwa bugufi uciye muco bise «BIRAMARA MOBILE APPLICATION»

Friday 7 September 2018, by Jean De Dieu

Ibisabwa kugira ushobore gukoresha ubu buryo bushasha bwa BIRAMARA utegerezwa kuba ufise terefone “Smart Phone” kandi utarenza imyaka 30.

« BIRAMARA MOBILE APPLICATION » n’uburyo bwagenewe urwaruka ruri hagati y’imyaka 16 na 30,kugira rugure uduseke dutandukanye twa Internet, iminota hamwe n’ubutumwa bugufi “SMS” bivanye n’ivyo wipfuza kandi urashobora kubikora uciye muri EcoCash ku mwanya wariwo wose.

Kugira uronke BIRAMARA MOBILE APPLICATION muri terefone ngendanwa urayirondere muri terefone yawe uciye muri Google play store kubafise terefone zitwa Smartphone. Kubafise terefone zitwa iphone ntibashobora kuyironka muri kino gihe.

Kugira zinjire rutonde rwa BIRAMARA MOBILE APPLICATION muri terefone yawe, ukoresha umurongo wawe wa Econet-leo hama ugaca ushiramwo ibiharuro kabanga kawe inyuma yaho naho.

Kugira uronke ibiharuro kabanga kawe ufyonda ahandi ijambo “Nouveau mot de passe” buno nyene uca uronka ubutumwa SMS burimwo ibiharuro bigize ibiharuro kabanga vyawe.
Ushobora kugura ibitegekanijwe muri BIRAMARA MOBILE APPLICATION yaba uduseke twa internet ukoresha ku mbuga ngurukanabumenyi,iminota canke ubutumwa bugufi mu kiringo c’umusi umwe,indwi imwe canke ukwezi .

Akabirya nako, ushobora no kugurira umugenzi ibitegekanijwe muri BIRAMARA MOBILE APPLICATION.

Uti bigenda gute? Umaze kwinjira mu rutonde rwa BIRAMARA MOBILE APP, uca ucagura uduseke twa Internet, ubutumwa bugufi, uduseke twa internet ukoresha ku mbuga ngurukanabumenyi ( reseaux Sociaux) canke iminota yo guhamagara wipfuza kugurira umugenzi. Hanyuma ugahitamwo uburyo wipfuza kuriha maze ugacagura ko wipfuza kugurira umugenzi. Baca bagusaba gushiramwo inimero yiwe ya Econet-leo hanyuma ukemeza. umaze guheza, uko muri babiri mugaca muronswa ubutumwa bwemeza ko vyashobotse.

Wipfuza kumenya ubutunzi bwawe muri BIRAMARA MOBILE APPLICATION ,uca muri BIRAMARA MOBILE APPLICATION nyene hanyuma ukemeza kw’ijambo SOLDE canke ugaca kuri *404*4#.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.