IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ekereziya Gaturika y’Uburundi iratewe ubwoba n’ivyoshika mu gihe ibiganiro (...)

Ekereziya Gaturika y’Uburundi iratewe ubwoba n’ivyoshika mu gihe ibiganiro bitoba

dimanche 10 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo Abungere ba Ekereziya Gaturika basohoye kuri uwu w’Imana, bamenyesheje ko mu gihe abegwa n’ibibazo vya poritike batoja hamwe mu biganiro, ibintu bishobora kwononekara gusumba uko biri.

Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE yasomye iryo tangazo aravuga ibishobora kwononekara.

"Nk’icerekeye Demokarasi n’ingene tuyitahura, icerekeye ukwubahiriza ubuzima bwa muntu n’agateka kiwe, ineza ya bose, ugutunganya inzego ata n’umwe akumiriwe, icerekeye ugutahukana impunzi, icerekeye kazoza k’urwaruka, icerekeye ubukene bubandanya kwugariza abanyagihugu, n’icerekeye ubucuti n’imigenderanire y’Uburundi n’amakungu."

JPEG - 46.7 ko
Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, umukuru w’inama nkuru y’Abepisikopi b’Uburundi

Abungere ba Ekereziya Gaturika mu Burundi bavuga ko ibiganiro bihuza Abarundi vyabereye mu gihugu hagati ataco vyashitseko, kuko indinganizo yavyo itahumurije bose.

Izo ndongozi za Ekereziya Gaturika zigira ziti : "Ko hategekanijwe ibiganiro vyobera aho n’abari hanze bashobora kworoherwa kuvyitaba, birakwiye ko abo vyega bose bavyitaba kugira ngo batorere hamwe inyishu ibereye amananiza ya Poritike turimwo."

Musenyeri Yohakimu NTAHONDEREYE, umukuru w’inama nkuru y’Abepisikopi b’Uburundi asaba ko abazokwitaba ivyo biganiro bokwicarira ibibazo nyamukuru bimaze gushirwa ahabona n’abarongoye ivyo biganiro.

"Nk’icerekeye isubirwamwo ry’ibwirizwa shingiro kirakwiye kwicarirwa kigatorerwa inyishu, bisunze intumbero y’amasezerano y’i Arusha."


Egide NDUWIMANA

Messages

  • aba bungere ba Ekereziya Gaturika barakwiye kuvavanura n’ibibazo vya politique bagakurikirana ivy’idini.Bikuye mumurwi utegura amatora ya 2015, amatora acaraba kumugaragaro.Nnon’ubunaho barerekanye aho bahagaze ngo ibwirizwa shingiro ngo ryisunge amasezerano y’i Arusha.

  • Biragoye gutahura,uri uwihebeye Imana kirazira kwarekana aho uhangamiye muvya politique
    suko batanga impanuro

  • ABUNGERE BARAHANURA. IRYO JAMBO RYARI RIKWIRIYE GUKOREGWAKO. HARYA BASERUKIRA ABANTU BENSHI NTIBASUNITSWE N’UMUYAGA GUSA.
    EHE NYABUNA UWOFASHA IVYO BAVUZE BIKAJA MUNGIRO YOBA AFASHIJE IGIHUGU CACU.

  • Murabarongozi babushitse mutazikunyumunwa, kanatsinda ninacogituma mwitwa, abakozi batowe n’Imana, abakera nibo bayamaze ngukuri ntikunyegezwa, ngokandi gucamuziko ntigusha,
    Nimugerageze muze muraruta nubwo mubwira intumva.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.