IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > ingendo > Francine NIYONSABA yatanze imfashanyo ku barwayi bo mu bitaro Prince Regent (...)

Francine NIYONSABA yatanze imfashanyo ku barwayi bo mu bitaro Prince Regent Charles

samedi 10 mars 2018

Iyo mfashanyo yari igizwe n’ibiro 10 vy’umuceri, ibiro 10 vy’ibiharage, isukari hamwe n’amasabanu, ku murwayi umwe umwe.

Mw’ijambo ryiwe, umunonotsi Francine NIYONSABA yavuze ko yahisemwo kuza gufasha abarwariye mu bitaro Prince Regent Charles, kuko ivyo bitaro vyigeze kwakira neza abanonotsi bagize isanganya, igihe bari baje mu mahiganwa.

Umuyobozi w’ibitaro Prince Regent Charles, Muganga Ines Roseline NDUWIMANA, yavuze ko ari igikorwa ciza gikozwe n’umunonotsi Francine NIYONSABA, kuko mu barwayi, hari abashobora kumara umunsi wose badafunguye.

Yaba umuyobozi w’ibitaro Prince Regent Charles canke abaronse iyo nfashanyo, bose barashimye ico gikorwa c’umunonotsi Francine NIYONSABA, baca basaba ko n’abandi babishoboye bogarukira kuri ba ntaho nikora barwariye muri ivyo bitaro.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.