IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Kwidagadura > Igiteramo > Future Media yabateguriye igiteramo kidasanzwe kuruyu wa gatandatu

Future Media yabateguriye igiteramo kidasanzwe kuruyu wa gatandatu

Saturday 11 August 2018, by vianney

Kigingi ari mu batunganije ico giteramo akongera akaba umwe mu bakora uyo mwuga amenyeshako imyiteguro imeze neza kandi n’abashitsi bari biteze bava mu bindi bihugu baza bashitse.

Kigingi abandanya avuga ko Comedie ituma abantu benshi bakorana kandi aba ari umwanya kugira wo kumenyekanisha ibintu vyabo bitandukanye.

Mammito ava mu gihugu ca Kenya yemeza ko ari kumwe n’abandi bavuye muribi bihugu vy’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko baza gukora ibishoboka kugira igeteramo kibe ciza cane.

Abitezwe baza kuremesha ico giteramo kidasanzwe ni Michael Ross ava mu gihugu c’Ubuganda,Mammito wo gihugu ca Kenya,M.c.Pilipili wo mu gihugu ca Tanzaniya,Arthur NKUSI wo mu gihugu c’Urwanda hamwe na Kigingi wo mu Burundi.

Igiteramo Kigingi Summer Comedy kibera ahitwa ST TROPEZ,umuntu akinjira ku mafaranga ibihumbi 10 gusa vy’amafaranga y’amarundi.


IGIHE

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.