IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gildas YIHUNDIMPUNDU akorera Radiyo BBC yarekuwe

Gildas YIHUNDIMPUNDU akorera Radiyo BBC yarekuwe

lundi 24 Gitugutu 2016, par Egide NDUWIMANA

Gildas YIHUNDIMPUNDU, umumenyeshamakuru wa radiyo BBC yari yafatiwe kuri w’Imana muri karitiye ya Mutakura, zone Cibitoke, mu gisagara ca Bujumbura, yarekuwe kuri uwu wa mbere. Yari yaraye ijoro rimwe mu gasho k’igendereza i Bujumbura.

Uwo mumenyeshamakuru yarekuwe nk’igihe c’isaha umunani n’iminota mirongo itatu, akaba yarekuwe hamwe n’uwugendesha imodoka yariko arabunguruza.

Julia Steers, umumenyeshamakuru w’umunyamerikakazi nawe nyene bari kumwe yarekuwe ejo kuw’Imana, akaba yafashe urugendo rumujana muri Kenya aho akorera, kuri uwu wa mbere mu gatondo.

Bari bafatiwe kw’ibarabara ry’umunani nomero 40, ku nzu yagandaguriwemwo abana babiri b’amasaha hamwe na se wabo, kw’igenekerezo rya mbere Mukakaro 2015, aho akaba ari mu gihe bariko bakora ku vyerekeye amazu yatawe na beneyo kubera ivyabereye muri iyo ako gace kamwe mu twiyamirije ugusubira kwitoza kw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA.

Bagifatwa, baciye bajanwa kubarizwa ku biro vya zone Cibitoke. Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE yamenyesheje ko bahagaritswe ku mvo z’amatohoza, kuko bafashwe bariko bafotora ikinogo cahambwemwo abantu ikivunga (fausse commune) batabimenyesheje abajejwe intwaro hamwe n’umutekano.

"Ivyo bibanza bitegerezwa gukingirwa kuko n’ivyemezo bihambaye ku bwicanyi bwakozwe n’abagumutsi", nk’uko vyari vyamenyeshejwe n’umuvugizi w’igiporisi


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.