IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Gitega : Umuyobozi wa Guichet Unique amenyesha ko bafise ikibazo c’ubuhinga (...)

Gitega : Umuyobozi wa Guichet Unique amenyesha ko bafise ikibazo c’ubuhinga ngurukanabumenyi

mardi 13 février 2018

MISIGARO Ferdinand arongoye igista gitanga impapuro avuga ko bikuru bikuru bikenewe kugira batangure gutanga impapuro zikenerwa ku banyagihugu biriho, naho nyene hakiri ibindi bito bito bibura.

Uwo arongoye igisata Guichet Unique mu ntara ya Gitega avuga ko, mu minsi habaye ikibazo c’umuyagankuba, ariko ubushikiranganji bakukira bwamaze kugitorera umuti, akavuga ko bariko baragerageza kugira barabe ko mu minsi ya vuba, abanyagihugu boba batanguye kuronswa impapuro bakenera,mu ntara ya Gitega.

Umwunganirizi w’umushikiranganji mu bushikiranganji bw’abakozi n’akazi ari naho ico gisata gikukira, amenyesha ko ico kibazo c’ubuhinga bwa none (connexion) bakizi, akavuga ariko ko hari umugambi ku rwego rw’igihugu ukurikirana ico gisata.

Didace NSABIMANA avuga ko mu minsi heze bari bumvise ko hari ikibazo c’umuyagankuba ariko camaze gutorerwa inyishu, akamenyesha ko bagenda intambwe imwe ku yindi, rero ko bizeye ko n’ico kibazo gisigaye kiri hafi gutorerwa inyishu.

Igisata gitanga impapuro mu ntara kikaba kizotanga impapuro zahora zitangirwa mu gisagara ca Bujumbura gusa, nk’impapuro z’inzira, urupapuro rwerekana ko umuntu adakurikiranwa n’ubutungane, uruhusha rwo kugendesha imodoka, n’izindi mpapuro zikenerwa mu bushikiranganji bw’abakozi n’kazi.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.