IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Urubanza rw’abagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi rwagiye mu (...)

Gitega : Urubanza rw’abagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi rwagiye mu mwiherero

mardi 20 Kigarama 2016, par Egide NDUWIMANA

Abasirikare hamwe n’abaporisi cumi n’indwi bagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA basubiriye kurenguka kuri uwu wa mbere muri Sentare ntahinyuzwa, igisata ca gasamburamanza mu ntara ya Gitega. Bose bari barengutse, bakaba bavuga ko urubanza baciriye rwaranzwe n’utunenge twinshi, bagasaba Sentare ko yokwitera iteka igasubiramwo urubanza baciriwe, hisunzwe amategeko.

Mu birego bashikirije, abo bagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi bashikirije ko amategeko atubahirijwe, kuko ata vyagiriji bifashe vyerekanwe ku vyaha bashizweko, kuko n’ivyabona vy’abagirijwe bitumvirijwe, nk’uko vyashgikirijwe n’ababuranira abo bapfungwa. Muvyo biyamirije muvyo bagirijwe, harimwo ivyaha vy’ukwica, ivyaha vy’ugusambura amazu, abavyagirijwe bakaba bashikirije ko mu mburano z’ubwa mbere batabajijwe kuri ivyo vyaha.

Abo bagirizwa ugushaka gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA basavye Sentare gasamburamanza ko yokwitera iteka igakurikiza amategeko, ikarengera ko urwo rubanza ari urwa poritike.

Sentare ntahinyuzwa yashize urwo rubanza mu mwiherero, rukazosomwa mu minsi mirongo itatu, nk’uko amategeko abivuga.

Abagirizwa gushaka gutembagaza ubutegetsi bakurikiranwako ivyaha vyo kwica abasirikare n’abaporisi,guhamagarira abanyagihugu gufata ibirwanisho, kwonona no gusambura inyubakwa.

Urubanza rwabo rwaciwe bagabuwe mu mirwi ine. Umurwi wa mbere ugizwe n’abantu bane bagizwe n’abasirikare n’abaporisi bo ku rwego rwa General. Abo nabo ni Cyrille Ndayirukiye, Juvenal Niyungeko batazira Kiroho, Zenon Ndabaneze na Hermenegilde Nimenya. Bose baciriwe urubanza rw’ugupfungwa ubuzima bwabo bwose.

Umurwi wa kabiri ugizwe n’abantu 9 bafise amapete yo ku rwego rwa colonel, Capitaine na Major baciriwe urubanza rw’ugupfungwa imyaka 30 no kumara imyaka 10 badakora akazi ka Reta akariko kose.

Umurwi wa gatatu ugizwe n’abasirikare n’abaporisi bato bato, bamwe bari abagendesha imiduga yunguruza intwazangabo mu gisirikare, abandi bakaba abacunga ubuzima bw’abo basirikare bo ku rwego rwa General. Abo baciriwe urubanza rw’ugupfungwa imyaka 5.

Umurwi wa nyuma ugizwe n’abambitswe izera. Muri abo harimwo General Prime Ngorwanubusa yigeze kuba umunyamabanga ntayegayezwa mu nama nkuru y’umutekano na colonel Jean Bosco Daradangwe hamwe na Hagabimana Richard.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.