IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Gitega : Uwagirizwa gushurashuza abana 17 yaciriwe urubanza

Gitega : Uwagirizwa gushurashuza abana 17 yaciriwe urubanza

mercredi 8 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Corneille Munyankindi, umugabo w’imyaka 59 yigisha kw’ishure rito ry’i Gitega rizwi kw’izina rya "La Bergeronnette", yaciriwe igihano c’ugupfungwa imyaka 30 hamwe n’ugutanga ihadabu ry’amafaranga y’amarundi agera ku miyoni 53. Uwo mugabo yagiriwe n’icaha c’ugufata ku nguvu abana 17 b’abanyeshure bo kuri iryo shure yigishako.

Muri urwo rubanza rwabaye kuri uwu wa kabiri, uwagirijwe icaha yiyemereye ko yashurashuje bane gusa muri abo bana, abandi akavuga ko yabakoze ku gitsina gusa.

Corneille Munyankindi yasavye ikigongwe abavyeyi n’abana imbere y’abacamanza, yongera asaba ko yogabanirizwa igihano.

Sentare ikaba yaciye imucira igihano c’ugupfungwa imyaka 30 hamwe n’ugutanga ihadabu ry’amafaranga y’amarundi agera ku miyoni 53.

Mw’ishirahamwe ryishinze gukingira agateka k’abana n’urudandazwa rw’abantu, ONLCT bamenyesha ko bashimishwa n’urubanza rwaciwe na Sentare. Dieudonné Mbarubukeye arongoye ONLCT amenyesha ariko ko abo bashobora kubonwa ukundi mu kibano.

Tubamenyeshe ko Sentare nkuru y’i Gitega yabwiye uwagiriwe n’ico caha ko mu gihe atotanga iryo hadabu azoca apfungwa iyindi myaka 30.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.