IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > HCR na Reta y’Uburundi ntibavuga rumwe ku kibazo c’Abarundi bahunga (...)

HCR na Reta y’Uburundi ntibavuga rumwe ku kibazo c’Abarundi bahunga n’abahunguka

samedi 24 Nyakanga 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi, HCR, rivuga ko abantu bamaze guhunga kuva mu mwaka uheze mu Burundi bashika ibihumbi 300. Iryo shirahamwe rivuga ko mu kwezi kw’indwi gusa hahunze abashika ibihumbi mirongo ibiri bavuye mu ntara zo mu bumanuko bw’Uburundi.

Iryo shami ry’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi HCR rivuga ariko ko naho Reta y’Uburundi ivuga ko hari abatahuka, muri HCR bavuga ko batazi igitigiri cabo.

HCR ishikiriza ko abahunga bavuga ko ibibatera guhunga ari bimwe nk’ivyo mu mwaka uheze, arivyo gutotezwa no gukubagurwa n’inzego zijejwe umutekano.

Nk’uko tubikesha BBC, abajejwe intwaro mu Burundi bemeza ko hari Abarundi benshi babandanije gutahuka baja mu bihugu bibanyi bari bahungiyemwo. Abahunguka cane cane ni abo mu buraruko bw’igihugu, mu ntara ya Kirundo na Muyinga.

Abarongoye intara ya Makamba mu bumanuko bw’Uburundi nabo bavuga ko gushika mu kwezi kwa gatandatu uno mwaka, abashika ku bihumbi 30 bamaze gutahuka.


IGIHE

Messages

  • Ahubwo Ni Barabe Abasigaye Hama Ninda Hari Abataha Hari Na Badashaka Gutahe Rero Hcr Nirabe Ihungure Abandi Babahe Uburaya Aho Nyene Abandi Babatware Mugihugu Kigira Gatatu Niho Sawa

  • Abo HCR yirirwa irakira ntiziko ari aba cheza madili bafise icizero co gutwarwa muri Amerika, ningene tuhanyotewe!!!

  • Nizereko ibivyovyo bimaramaje kubakozi bakorera muri HCR!
    Wowe wokwihatira gukora icegeranyo cabahunga ukibagira kubwira abakozimukorana kobakwiye nokubarura abahunguka kugira uzotangaze inkuru ikwiye, ariko ugatanwa gutwngaza abahunga gusa ukanagirako ukanakora total yabamaze guhunga ngokuva hatanguye kutumvikana kukwitoza kwa Nkurunziza!?
    Bantub’Imana urumuntu udandaziza uwaguhaye akazi noneho ukamuha raporo yamahera winjije umwakawose ukibagira kumubwira nayazohotse ubwontiwobawitaye murundubi? Jewe ndaziko 90% rirenga ko akazikobakakunaniye.

  • Abarundi twaragowe kwamana intekera kumutwe

  • Abarundi twaragowe kwamana intekera kumutwe

  • ESE AYOMASHIRAHAMWE NTIYOTUVIRAMUGIHU YIRIGWABABESHA TWETUBAMUGIHU NTANTANBARA IHARI ABAJEJWE UMUTEKANOKOTWIRIGWANA EKA UMWANYA WOSE KOTUTABONA ABOBATOTEZA IBINYOMA BIZOTINDA BIBAHERANE

  • ESE AYOMASHIRAHAMWE NTIYOTUVIRAMUGIHU YIRIGWABABESHA TWETUBAMUGIHU NTANTANBARA IHARI ABAJEJWE UMUTEKANOKOTWIRIGWANA EKA UMWANYA WOSE KOTUTABONA ABOBATOTEZA IBINYOMA BIZOTINDA BIBAHERANE

  • Uburundi buraheze none tuzova mukuzimu ryari tureke kwamana intekera k’umutwe? birababaje pe!

  • Abo Bahungabarabesha Umutekano Niwose Ahubwo Nibaze Twubake Igihugucacu

  • HCR kuvayabaho nibwobwambere abakozibayikorera bayisebeje kurugero rwohejuru yemwe bwabundi ibinintu vyomu Burundi birimwo Imana!

  • Icompa Najew Nkagenda Nkav Muburundi Ngend Mur Amerika. Mana Mfasha

  • HCR IGOMBA KUGUMA IDANDAZA IMPUNZI Z’ABARUNDI. ISHAKA KUGUMA ISABA AMAFARANGA MENSHI MU KUVUGA KO IMPUNZI ZIGUMA ZIYONGERA. NK’UBU ABATWARA URWANDA BAGUMA BAKOKA ABARUNDI BASIGAYE MUGIHUGU BAVUGIRA MU BINYAMAKURU KO BARIKO BASABIRA UBUHUNGIRO IMPUNZI Z’ABARUNDI MU BIHUGU VYA BULAYA NA USA. ARIKO URYA INCUTI UKINOVORA INTUNTU.

  • Guhunga nivyo nibihungire bigire ahagisigaye umutekano, nayubundi ntamahoro arihano muburundi. najewe iyomba narifise ahonoca notekeye, kuko ntagihugu kirongorwa nabicanyi ngokizoronke amahoro......

  • Nibareke kuba barementanya ntabahunguka.mbe icaricatumye bahunga caravuyeho cankwe?

  • Ahubwo bose barakwiye gutahuka!none hiyo bariko bakoriki? Jewe ahanje nibaza ko abo bahunze ni muri benshi batahunze 1993 ! Burya ntaciza kiri mumakambi

  • kiramvu niwe yirirwa arararika ngo. abarundi ngo bicane. ngo navire ihonyabwoko yongera atera ubwoba abashaka guhunguka nahumure abarundibarazi ubwenge ivyo yipfuza. ntavyo azobona. nimumwime amatwi ayerere wenyene. burya ntakomeye. ararwaye

  • Mbega Kobitwazango Bagumabahunga Iterabwoba Nikubagugwa: Ahubwo Ntibitwaz Ivyo,nibacwire Birarura Kuko Uburundi Burimwabagabo Bijumja Nijambo Kandi Bashits Ubugabo. Mbega Ko Baribizeye Cout D’eta,bikaba Vyarabataye Kuwamazi Bazohava Bagarukirahe? Ibazenawe! Kubona Bahunga Amatora Suko Baribaz Ico Bateguye?

  • Nkurunziza,ni,mwiza.Ariko,mumbonerakure,harimwinjavyi,bagomba,kuguma,bac’amande,abanyagihugu,babahorubusa,tweho,iwacu,harakagwi,kinjavyi,kaguma,gaturir’amazu

  • Iyoni politike Ya Leta.Kondi Imakamb Abobant Bashkirah?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.